Vyinshi k’ubuzima bw’umuririmvyi Davido



David Adedeji Adeleke azwi kw’izina rya Davido n’umuririmyi,umwanditsi w’indirimbo ,umuhinyanyuzi w’indirimbo w’umunya Nigeria.Aririmba mu midiho ya Afropop na Afrobeat.Yarakoreye muma labels atandukanye nka Sony,RCA,DMW na HKN.HKN  Music niwe yayishinze afadikanije na mukuru wiwe Adewale Adeleke.
Davido yavutse italiki 21 munyonyo mu 1992 ,avukira muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu  gisagara ca Atlanta muri Leta ya Georgia ariko yakuriye i Lagos muri Nigeria.Se wiwe yitwa Adedeji Adeleke akaba ari umutunzi akomeye aharurwa muri bamwe bitwa  aba milliardaires canke aba billionnaires nyina wiwe  n’umuhisi  Docteur Vero Adeleke  yitavye Imana mu 2003 yahora ari umwigisha wa kaminuza.Se wiwe Adedeji Adeleke batazira Deji Adeleke,akomoka mu muryango w’aba yoruba akaba yavutse mu 1957.Se wiwe n’umwe mubashinze Adeleke University,akaba ari umuyobozi mukuru w’ikigo gikomeye bita Pacific Holdings Ltd Company,akaba kandi ari mu bagwiza tunga bafashije bikomeye mw’iterambere rya Banana Island.Twobibutsa ko Banana Island ari ikirwa kibamwo abantu bifise gusa kandi gicunzwe bikomeye giharurwa mu gisagara ca Lagos ariko kiri muri Ocean Atlantique.Se wiwe akaba akora ibintu vyinshi vyinjiza amafranga menshi tutodondagura ngaha ngo tumare. N’umwana agira gatatu mu muryango wa Adeleke bakaba avukana ari batanu.A fise bene wabo babiri harimwo Adewale Adeleke hamwe na bashiki be babiri aribo Sharon na Ashley Adeleke.

Abavyeyi ba Davido

Davido n'abo bavukana bakikije se

Davido n'abavukanyi na se

Davido na bene wabo na se

Davido na se

Davido yize kuri British International School i Lagos akaba yarize kandi mw’ishami rya Business Administration kuri Oakwood University yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika.Urukundo rw’umuziki rwatanguye kuri we igihe yiga kuri iyo kaminuza ya Oakwood,ico gihe yaciye arondera ibikoresho vy’umuziki aca atangura gukora imidiho n’ugufata amajwi.Ico gihe yari muri Amerika yarabaye umunyamuryango w’umurwi w’umuziki  witwa KB International.Atanguye kubona kw’ariko aronka amanota mabi yaciye ava kw’iyo kaminuza  aca aja kuba i London mu bwongereza aho yaciye ashira inguvu nyinshi mu kuririmba.Yasubiye muri Nigeria mu 2011 aca yemerera se kw’agiye gusubira kwiga ,aca aja kuri Babcock University.Mukw’indwi mu 2015 yararonse urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’umuziki muri iyo kaminuza .

Davido mu muziki
Album ya mbere ya Davido yitwa Omo Baba Olowo  yatanguye gusohoka mu 2011.Indirimbo ya mbere iri kuri iyo album ni Back When ikaba yarakunzwe ariko iyakunzwe cane kuri iyo album ni Dami Duro yakoranye na Shizzy akaba yayikoze mu gihe muri Nigeria hari imyiyerekano ya occupy Nigeria.Kuri iyo album hariko n’izindi ndirimbo nka Overseas,all of you ,Ekuro,Gbon Gbon na Feel Alright  yakoranye na Ice Prince.
Mu 2013 niho yatanguye gukora album yiwe ya kabiri Gobe .Iyo album iriko indirimbo nka one of a kind,Gobe,Skelewu,aye,money yakoranye na Olamide ,Tchelete  yakoranye na Mafikizolo,dodo,Owo ni Koko,Fans mi yakoranye na Meek Mill hamwe na The Sound yakoranye na DJ Buckz.Gobe yakozwe n’umuhinyanyuzi Shizzy,amashusho yayo nayo akoregwa  muri Afrika y’epfo muri Godfather Productions.N’amashusho ya One of a kind yakorewe muri iyo studio ya Godfather Production.Indirimbo Skelewu nayo yarakunzwe cane bica bituma Davido afata ingingo y’ugutunganya ihiganwa ry’ukuyitamba ku bafana biwe,uwayitamvye neza akaba yarahawe agashimwe.Amashusho ya Skelewu yakorewe i London akorwa na Moe Musa.Indirirmbo Aye yayikorewe na T Spize hanyuma amashusho yayo akorwa na Clarence Peters.Indirimbo Tchelete yakoranye na Mafikizolo yakozwe na Oskido na Shizzy iyo ndirimbo yarakoreshejwe cane n’ishirahamwe MTN.Mu kwa gatandatu mu 2014 Davido yarakoranye indirimbo ivuga kuri Afrika na Mi Casa ;Lora Rae ;Sarkodie ;Diamond Platnumz[https://menyabino.blogspot.com/2019/04/ubuzima-bwa-diamond-platnumz_17.html] na Tiwa Savage.Mu kwa gatandatu 2015 Davido yakoranye indirimbo Fans mi n’umu rapeur w’umunyamerika Meek Mill.
Mu 2016 Davido yakoze indirimbo nka Gbagbe Oshi,How long yakoranye n’umunyamerika kazi Tinashe na Coolest Kid in Africa yakoranye na Nasty C.Mu 2017 yarakoze indirimbo nka If ;Fall ;Fia ;Like Dat ;Pere yakoranye na Rae Sremmurd na Young Thug.Mu 2018 yarakoze indirimbo nka Flora my Flawa ;Assurance ;Nwa Baby ;Wonder Woman.

Ari mu baririmvyi rurangiranwa muri Afrika no kw'isi

Itariki 30 munyonyo mu 2017,Davido yararonse agashimwe ka MOBO Awards nk’umuririmvyi w’umunyafrika yitwaye neza yararonse n’akaryo k’ukuririmba muri ivyo birori.Itariki 24 ruheshi mu 2018 Davido yararonse agashimwe ka BET Awards nk’umuririmvyi mwiza w’umunyamahanga.Mu 2012 yararonse agashimwe ka Kora nk’umuririmvyi mushasha ;mu 2014 naho yararonse ubushimwe bubiri bwa MTV Africa Music Award ak’umuririmvyi w’umwaka n’ak’umuririmvyi w’umugabo w’umwaka.Yarahiganiwe n’agashimwe ka MTV Europe Music Award.
Davido yarakoreye ibikorwa vyo kwamamaza amashirahamwe atandukanye nka MTN ;Guinness Nigeria ;Infinix n’ayandi.

Yararonse Bet Award
Afise MOBO Award 

Davido mu buzima busanzwe

Muri rusama mu 2014 Davido yarashavuriye ishirahamwe rijejwe abinjira n’abasohoka NIS inyuma y’aho asizwe n’indege ija i London.Yaciye abagiriza ko bashatse kumugirira nabi bashaka amafranga,ariko uwutwara iryo shirahamwe yarabeshuje ayo makuru avuga kw’ahubwo ari Davido atari afise ivya ngombwa bikwiye.
Muri kigarama mu 2015 ikinyamakuru co muri Nigeria citwa Vanguard caranditse ko Davido n’umukobwa bavyaranye Sophia Momodu barwanye bapfa kudahuza kuwogumana umukobwa wabo Imade Adeleke.Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko vyatanguye kuva aho Sophia n’umuryango wiwe bitwariye Davido bavuga ko Davido n’umuryango wiwe bima umwana nyina ,mbere ngo bashaka n’ukuja kuba mu kindi gihugu nyina atabizi.Ariko ivyo vyose Davido avuga ko bamubeshera.

Davido na  Sophia ateruye Imade Adeleke

Davido ateruye imfura yiwe Imade Adeleke

Davido avuga ko n’aho se wiwe yamufashije mu muziki wiwe ,kuba yarabaye umuririmvyi w’igihangange muri Afrika abikesha kandi impano idasanzwe (talent) afise.Avuga ko kuba umuryango wiwe n’abagenzi biwe bashigikiye ibikorwa vyiwe ari co kintu kimushimisha cane.Avuga k’urupfu rwa nyina wiwe rwamubabaje cane ngo kuba aririmba akitanga cane ni kubwa nyina wiwe.
Mu bana ba Davido harimwo Aurora Imade Adeleke yavutse itariki 14 rusama mu 2015 nyina wiwe ni Sophie Momodu,hanyuma uwundi mwana wiwe ni Hailey Veronoca Adeleke,nyina wiwe ni umunyamerikakazi Amanda Mandy,uwo mwana akaba yavutse itariki 9 rusama mu 2017 avukira muri Leta zunze ubumwe za Amerika.Davido ubu akundana na Chioma Avril bamenyaniye kuri Babcock University.
Amanda Mandy na Davido ateruye Hailey Veronica Adeleke
Davido na Hailey Veronica Adeleke
Davido na Chioma Avril bakundana ubu



Davido na Chioma bamenyaniye kw'ishuri


Davido na Chioma mu bihe vyiza

Raba indirimbo fall ya Davido


Enregistrer un commentaire

0 Commentaires