David Adedeji Adeleke azwi kw’izina rya Davido n’umuririmyi,umwanditsi
w’indirimbo ,umuhinyanyuzi w’indirimbo w’umunya Nigeria.Aririmba mu midiho ya Afropop
na Afrobeat.Yarakoreye muma labels atandukanye nka Sony,RCA,DMW na HKN.HKN Music niwe yayishinze afadikanije na mukuru
wiwe Adewale Adeleke.
Davido yavutse italiki 21 munyonyo mu 1992 ,avukira
muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu
gisagara ca Atlanta muri Leta ya Georgia ariko yakuriye i Lagos muri
Nigeria.Se wiwe yitwa Adedeji Adeleke akaba ari umutunzi akomeye aharurwa muri
bamwe bitwa aba milliardaires canke aba
billionnaires nyina wiwe n’umuhisi Docteur Vero Adeleke yitavye Imana mu 2003 yahora ari umwigisha wa
kaminuza.Se wiwe Adedeji Adeleke batazira Deji Adeleke,akomoka mu
muryango w’aba yoruba akaba yavutse mu 1957.Se wiwe n’umwe mubashinze Adeleke
University,akaba ari umuyobozi mukuru w’ikigo gikomeye bita Pacific Holdings
Ltd Company,akaba kandi ari mu bagwiza tunga bafashije bikomeye mw’iterambere
rya Banana Island.Twobibutsa ko Banana Island ari ikirwa kibamwo abantu bifise
gusa kandi gicunzwe bikomeye giharurwa mu gisagara ca Lagos ariko kiri muri Ocean
Atlantique.Se wiwe akaba akora ibintu vyinshi vyinjiza amafranga menshi tutodondagura
ngaha ngo tumare. N’umwana agira gatatu mu muryango wa Adeleke bakaba avukana
ari batanu.A fise bene wabo babiri harimwo Adewale Adeleke hamwe na bashiki be
babiri aribo Sharon na Ashley Adeleke.
Abavyeyi ba Davido
Davido n'abo bavukana bakikije se
Davido n'abavukanyi na se
Davido na bene wabo na se
Davido na se
Davido yize kuri British International
School i Lagos akaba yarize kandi mw’ishami rya Business Administration kuri
Oakwood University yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika.Urukundo rw’umuziki
rwatanguye kuri we igihe yiga kuri iyo kaminuza ya Oakwood,ico gihe yaciye arondera
ibikoresho vy’umuziki aca atangura gukora imidiho n’ugufata amajwi.Ico gihe
yari muri Amerika yarabaye umunyamuryango w’umurwi w’umuziki witwa KB International.Atanguye kubona
kw’ariko aronka amanota mabi yaciye ava kw’iyo kaminuza aca aja kuba i London mu bwongereza aho
yaciye ashira inguvu nyinshi mu kuririmba.Yasubiye muri Nigeria mu 2011 aca
yemerera se kw’agiye gusubira kwiga ,aca aja kuri Babcock University.Mukw’indwi
mu 2015 yararonse urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’umuziki muri iyo kaminuza
.
Davido
mu muziki
Album ya mbere ya Davido yitwa Omo Baba Olowo yatanguye
gusohoka mu 2011.Indirimbo ya mbere iri kuri iyo album ni Back When ikaba yarakunzwe ariko iyakunzwe cane kuri iyo album ni Dami Duro yakoranye na Shizzy akaba
yayikoze mu gihe muri Nigeria hari imyiyerekano ya occupy Nigeria.Kuri iyo album hariko n’izindi ndirimbo nka Overseas,all of you ,Ekuro,Gbon Gbon na Feel Alright
yakoranye na Ice Prince.
Mu 2013 niho yatanguye gukora album yiwe ya kabiri Gobe .Iyo album iriko indirimbo nka one of a kind,Gobe,Skelewu,aye,money yakoranye
na Olamide ,Tchelete yakoranye na Mafikizolo,dodo,Owo ni Koko,Fans mi yakoranye na Meek Mill hamwe na The Sound yakoranye na DJ Buckz.Gobe yakozwe n’umuhinyanyuzi
Shizzy,amashusho yayo nayo akoregwa muri
Afrika y’epfo muri Godfather Productions.N’amashusho ya One of a kind yakorewe muri iyo studio ya Godfather
Production.Indirimbo Skelewu nayo
yarakunzwe cane bica bituma Davido afata ingingo y’ugutunganya ihiganwa
ry’ukuyitamba ku bafana biwe,uwayitamvye neza akaba yarahawe
agashimwe.Amashusho ya Skelewu
yakorewe i London akorwa na Moe Musa.Indirirmbo Aye yayikorewe na T Spize hanyuma amashusho yayo akorwa na Clarence
Peters.Indirimbo Tchelete yakoranye
na Mafikizolo yakozwe na Oskido na Shizzy iyo ndirimbo yarakoreshejwe cane
n’ishirahamwe MTN.Mu kwa gatandatu mu 2014 Davido yarakoranye indirimbo ivuga
kuri Afrika na Mi Casa ;Lora Rae ;Sarkodie ;Diamond Platnumz[https://menyabino.blogspot.com/2019/04/ubuzima-bwa-diamond-platnumz_17.html] na
Tiwa Savage.Mu kwa gatandatu 2015 Davido yakoranye indirimbo Fans mi n’umu rapeur w’umunyamerika Meek
Mill.
Mu 2016 Davido yakoze indirimbo nka Gbagbe Oshi,How long yakoranye n’umunyamerika kazi Tinashe na Coolest Kid in Africa yakoranye na Nasty
C.Mu 2017 yarakoze indirimbo nka If ;Fall ;Fia ;Like
Dat ;Pere yakoranye na Rae Sremmurd na Young Thug.Mu 2018 yarakoze
indirimbo nka Flora my Flawa ;Assurance ;Nwa Baby ;Wonder Woman.
Ari mu baririmvyi rurangiranwa muri Afrika no kw'isi
Itariki 30 munyonyo mu 2017,Davido yararonse
agashimwe ka MOBO Awards nk’umuririmvyi w’umunyafrika yitwaye neza yararonse
n’akaryo k’ukuririmba muri ivyo birori.Itariki 24 ruheshi mu 2018 Davido
yararonse agashimwe ka BET Awards nk’umuririmvyi mwiza w’umunyamahanga.Mu 2012
yararonse agashimwe ka Kora nk’umuririmvyi mushasha ;mu 2014 naho
yararonse ubushimwe bubiri bwa MTV Africa Music Award ak’umuririmvyi w’umwaka
n’ak’umuririmvyi w’umugabo w’umwaka.Yarahiganiwe n’agashimwe ka MTV Europe
Music Award.
Davido yarakoreye ibikorwa vyo kwamamaza
amashirahamwe atandukanye nka MTN ;Guinness Nigeria ;Infinix n’ayandi.
Yararonse Bet Award
Afise MOBO Award
Davido
mu buzima busanzwe
Muri rusama mu 2014 Davido yarashavuriye ishirahamwe
rijejwe abinjira n’abasohoka NIS inyuma y’aho asizwe n’indege ija i
London.Yaciye abagiriza ko bashatse kumugirira nabi bashaka amafranga,ariko
uwutwara iryo shirahamwe yarabeshuje ayo makuru avuga kw’ahubwo ari Davido
atari afise ivya ngombwa bikwiye.
Muri kigarama mu 2015 ikinyamakuru co muri Nigeria
citwa Vanguard caranditse ko Davido n’umukobwa bavyaranye Sophia Momodu
barwanye bapfa kudahuza kuwogumana umukobwa wabo Imade Adeleke.Ico kinyamakuru
kibandanya kivuga ko vyatanguye kuva aho Sophia n’umuryango wiwe bitwariye
Davido bavuga ko Davido n’umuryango wiwe bima umwana nyina ,mbere ngo bashaka
n’ukuja kuba mu kindi gihugu nyina atabizi.Ariko ivyo vyose Davido avuga ko
bamubeshera.
Davido na Sophia ateruye Imade Adeleke
Davido ateruye imfura yiwe Imade Adeleke
Davido avuga ko n’aho se wiwe yamufashije mu muziki
wiwe ,kuba yarabaye umuririmvyi w’igihangange muri Afrika abikesha kandi impano
idasanzwe (talent) afise.Avuga ko kuba umuryango wiwe n’abagenzi biwe
bashigikiye ibikorwa vyiwe ari co kintu kimushimisha cane.Avuga k’urupfu rwa
nyina wiwe rwamubabaje cane ngo kuba aririmba akitanga cane ni kubwa nyina
wiwe.
Mu bana ba Davido harimwo Aurora Imade Adeleke
yavutse itariki 14 rusama mu 2015 nyina wiwe ni Sophie Momodu,hanyuma uwundi
mwana wiwe ni Hailey Veronoca Adeleke,nyina wiwe ni umunyamerikakazi Amanda
Mandy,uwo mwana akaba yavutse itariki 9 rusama mu 2017 avukira muri Leta zunze
ubumwe za Amerika.Davido ubu akundana na Chioma Avril bamenyaniye kuri Babcock University.
Amanda Mandy na Davido ateruye Hailey Veronica Adeleke
Davido na Hailey Veronica Adeleke
Davido na Chioma Avril bakundana ubu
Davido na Chioma bamenyaniye kw'ishuri
Davido na Chioma mu bihe vyiza
Raba indirimbo fall ya Davido
0 Commentaires