Ubuzima bwa Diamond Platnumz


Amazina yiwe y’ukuri ni Naseeb Abdul Juma,yavukiye i Dar es Salaam mu gace bita Tandale itariki 2 gitugutu mu 1989.N’umuririmvyi,umutamvyi n’umwanditsi w’indirimbo w’umunya Tanzaniya.Se wiwe yitwa Abdul Juma,nyina wiwe akitwa Sanura Kassim.Akiri muto cane ,se wiwe yarabataye abasiga atabufasha na bukeyi abahaye hanyuma baca baja kuba kwa nyokuru avyara nyina wiwe i Tandale.Avukana na Esma Platnumz, Queen Darleen asanzwe ari umuririmvyikazi wo muri label ya wasafi,avukana kandi na DJ Romy Jons asanzwe nawe akorera muri label ya Wasafi ariko uwo Romy Jones n’umwana wa nasenge wa Diamond kandi barakuranye babana mu nzu imwe.Yatanguye amashure  mato mu 1996  yayize kw’ishuri rya Tandale  kandi ngo yari umwana azi ubwenge kw’ishure kandi yaripfuza cane kuzoba umuririmvyi akama yipfuza icomuha amafranga ngw’aje muri studio akayabura.
akiri muto cane
Mama wiwe yaramukunda cane kandi yari ashigikiye k’umunsi umwe yozoririmba mbere yaranamutera intege mbere akanamugurira amakaseti ariko indirimbo kuko Diamond yakunda kuzisubiramwo aziririmba,yaramutwara kuma talent shows ariko nta mafranga yo kumurihira studio nyina wiwe yari afise.Amaze amashure mato mu gihe yagira atangure ayisumbuye,nyina wiwe yaciye amusaba ngw’amere nk’uwuhagaritse ivy’umuziki hanyuma yige neza ntabangikanye ibintu bibiri.Yarabandanije  kwiga akora umuziki yinyegeje ageze muw’icumi yaciye  yumva ashaka kuja gukorera amafranga agaheba ishure kuko mu muryango bari bakenye kandi nawe abona ko yoja kuyakorera akanaronka n’uburyo bwo kuja muri Studio.Mama wiwe ntiyari ashigikiye ico ciyumviro c’uguheba amashure, ariko amaherezo yaravyemeye,Diamond aca aja gusaba akazi ahantu kuri station kandi arakaronka ku ruhande akora ibintu vyinshi nk’ukudandaza impuzu no gusiga irangi,guterura amasakoshi,gufotora n’ibindi.Ico gihe akiri muto yarumva cane Wema Sepetu akamukunda,akipfuza yuko umunsi umwe ni vyamukundira azomutereta n’aho atari bwabe icamamare,mbere atari bwanamenye kw’azoba umuririmvyi nyawe mu gihe Wema we yari azwi.
Diamond na nyina wiwe
Diamond na se na nyina
Diamond igihe yakora kuri station akiri muto
kuva akiri muto yariyumvamwo umuziki

Umuziki nyezina yawinjiyemwo mu 2006 ariko indirimbo yiwe ya mbere yakoze mu 2007  ni Toka Mwanzo yayikoranye na Romy Jons hamwe na Fatma kugira aronke amafranga y’ukuyikora yagurishije impeta y’inzahabu nyina wiwe yari yamugabiye aca amuhenda ko yatakaye.Iyo ndirimbo ntiyamenyekanye ariko yaratumye amenyana n’abantu benshi barimwo na manager wiwe wa mbere Chizo Mapene.Baciye bumvikana na manager ko yomukorera album ariko mu nyuma kubera ubukene bwa manager vyaciye bihagarara.Bimaze guhagarara Diamond yarahuye n’ingorane kuko yabuze uwumufasha igihe kinini mbere n’umukobwa bakundana aramuheba,aho yadodora hose baramuhakanira canke bakamubwira kw’atabizi biramuca intege mugabo agumana umwizero.Vyabaye kera mu 2009 niho Diamond yahuye na Msafiri Peter batazira Babaa Misifa aca aramwemerera kuzomufasha gukora indiririmbo,ni kwo gukora indirimbo yitwa Nenda kamwambie yaririmbiye wa mukobwa yamuheba ngo yitwa Sarah Sadiki.Iyo ndirimbo yarakunzwe cane iramuhindurira ubuzima mbere aranagura imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Celica.
Diamond akiri mu myaka ya mbere mu muziki
Itariki 14 ruhuhuma mu 2010,Diamond yasohoye album yiwe ya mbere yariko indirimbo 10 nka kamwambie,Mbagala,Nitarejea,Nalia na mengi,Binadamu,Nakupa n’izindi  itariki 4 ndamukiza mu 2010,Diamond yaciye agahigo k’ukuba umuririmvyi wa mbere atwaye ibihembo bitatu icarimwe muri Kilimandjaro Music Award  aho yabaye umuririmvyi wa mbere mushasha,indirimbo yiwe kamwambie iba indirimbo y’umwaka,iba mbere n’indirimbo nziza ya RnB.Ivyo vyatumye agirwa umuserukizi mu bijanye n’ukurwanya malaria muri Tanzaniya.
Diamond na Esma Platnumz bavukana
Diamond na Mama wiwe
Diamond na mushiki we baririmbana Queen Darleen
Diamond na mwenewabo Romy Jons
Romy Jons na Diamond Platnumz

Amaze kuririmba ururirimbo rwiwe rwa kabiri mbagala umukuru w’igihugu ca Tanzaniya w’ico gihe Dr Jakaya Mrisho Kikwete yaramwizeye kugirango aze amuherekeze mu myiyamamazo azogira mu gihugu cose azoze araririmba.Itariki 2 gitugutu 2010 yaragiye kuririmba mu bwongereza i LONDRES,MILTON KEYNES,na COVENTRY.Mu 2011 yaratwaye agashimwe ka Nzumari Award nk’umuririmvyi mwiza w’igitsina gabo.
Ku bunani bw’umwaka wa 2012 Diamond Platnumz yarasohoye album yiwe ya kabiri aca aca agahigo k’ukuba umuririmvyi wa mbere wa Tanzaniya yagurishije  kopi zirenga 1200000 za album.Muri uwo mwaka nyene wa 2012 yarakoze igiteramo kidasanzwe citwa «Diamonds are forever» cabereye aho bita Mlimani City aho kwinjira vyari amashiringi y’amatanzania 50000 ariko tike zirenga 1500 zikaba zaragurishijwe.Mu kwa gatanu mu 2012 Diamond yarakoze igiteramo kidasanzwe aho bita Darlive .Ico giteramo kikaba carimwo abantu 10000 kandi kwinjira yari amashiringi 20000.Uwo munsi Diamond yaje na kajugujugu.Muri uwo mwaka wa 2012 nyene yarakoze ibiteramo mu butariyani,hollande mu bugiriki,Suede na Oman.Mu mpera z’umwaka wa 2012,Diamond Platnumz yarasohoye indirimbo zibiri ari zo kesho na nataka kulewa.Mu mpera z’uwo mwaka Diamond yari umuririmvyi wa mbere yinjije amafranga menshi avuye mu biteramo muri Tanzaniya yose.Mu ntango za 2013,Diamond yaragizwe umuserukizi wa coca cola kandi yarakoze muri uwo mwaka ibiteramo vyinshi muri east africa.Yaraciye n’agahigo k’ukwuzuza ikibuga abantu 30000.
Diamond na Bodyguard wiwe
Mu kwa gatandatu mu 2013 Diamond Platnumz yararonse ubushimwe 2 bwa Kili Music Awards nk’umuririmvyi mwiza w’umugabo muri Bongo flavour hamwe  n’ak’umuririmvyi w’umwaka.Mu kwezi kw’indwi mu 2013,Diamond Platnumz yarasohoye indirimbo Number one.Amashusho y’iyo ndirimbo yakorewe mu gihugu ca Afrika y’epfo akozwe na Ogopa Videos.Umusi w’ukuyisohora yayerekaniye muri Hotel SERENA kandi yari yatumiye abategetsi bakomeye batandukanye kandi abinjiye bose binjiye ku buntu.Kuri uwo munsi akaba yaratanze n’imodoka .Mu kw’icumi mu 2013 Diamond Platnumz yasubiyemwo indirimbo number one ayikorana na Davido amashusho yayo akorerwa muri Nigeria akozwe na Clarence Peter.Ivyo vyaciye biha Diamond akaryo ko kuja kwiga isoko ryo muri Nigeria.Iyo ndirimbo yatumye amenyekana muri afrika.Bivanye n’ukuntu azi ingorane abaririmvyi bava mu miryango ikenye bagira kugira ngo batere imbere,Diamond yarafashe ingingo y’ugushinga mu 2014 label ya Wasafi ifise na Studio yayo aca ayishiramwo abaririmvyi bato bato batandukanye kugira ngw’abateze imbere.Hambavu ya Diamond Platnumz,Wasafi irimwo Harmonize yinjiye mu 2015,Rayvanny yinjiye mu 2016 ;mushiki wa Diamond Queen Darleen yinjiye mu 2016,Lava lava na Mbosso binjiye mu 2017.Umuhinyanyuzi wabo ni Lizer Classic yinjiye mu 2015 avuye  i Bujumbura kuko ari ho yahora akorera.Umuririmvyi umwe umwe afise manager wiwe,ariko aba manager bakuru ba wasafi ni Babu Tale,Mkubwa Fella na Sallam SK.Hahoramwo umuririmvyi Rich Mavoko ariko mukw’indwi mu 2018 yaravuyemwo.Ubu Wasafi ibandanya itera imbere kuko inafise n’imboneshakure igezweho Wasafi TV.
Babu Tale,Sallam SK,Diamond na Mkubwa Fella
Diamond na Lizer Classic
Umuhinyanyuzi atavyorosha Lizer Classic
Abaririmvyi bagize Wasafi Mavoko ataragenda,Mbosso na Lava bataraza

Itariki 7 z’ukw’indwi mu 2014,igihe Diamond yariko ahimbaza isabukuru y’amavuko ya nyina wiwe,yaramugabiye imodoka aboneraho akaryo ko gusohora indirimbo mdogo mdogo n’amashusho yayo yakoreye mu bwongereza hamwe na bum bum yakoranye n’umunya Nigeria Iyanya yakoreye muri afrika y’epfo.Diamond platnumz yararonse ubushimwe bwinshi butandukanye,nka  MTV Europe Music Award mu 2015,Whatsup  TV Africa Music Video Awards,Channel O Music Video Awards ,Hipipo Music Award,Top Ten Tube Music Award(Burundi),MTV Africa Music Awards,The Future Africa Awards,Nzumari Awards,African Musik Magasine Awards,Tanzania Music Awards,Tnanzania People’s choice Awards n’ibindi.Amaze gukorana n’abaririmvyi batandukanye nka Rick Ross ;Ne-yo ;Morgan Heritage ;Mafikizolo ;P Square ;Flavour ;Davido ;Tiwa Savage ;Patoranking ;Papa Wemba ;Lolilo ;Omarion n’abandi.Diamond avuga kw’iyo ahuye n’umuririmvyi akomeye cane agerageza kuvyaza umusaruro ayo mahirwe kuko si minsi yose aboneka.
Yaronse ubushimwe bwinshi
Yiyise Diamond kuko ata wundi muririmvyi wo muri Afrika yari azi yitwa gutyo.Platnumz yaryiswe na Romy Jons kubera ukuntu Diamond yaboneka neza iminsi yose n’igihe cose.Avuga yuko indirimbo kamwabie ariyo yatumye amenyekana cane muri Tanzania mbere yarishizeko tatouage y’amwe mu majambo y’iyo ndirimbo  ku kuboko kw’i buryo.Avuga kandi kw’indirimbo mbagala ariyo yatumye amenyekana muri East Africa hanyuma indirimbo number one yatumye amenyekana muri afrika yose.Uko iminsi yaza iragenda indirimbo yakora yamumenyekanisha  kurusha,nk’iyo yakoranye na P Square yatumye amenyekana henshi nko mu bwongereza no muri amerika.Avuga ko umunsi aronka umwana n’umunsi yinjira inzu yiyubakiye ari vyo bihe yumvise aryohewe kandi amerewe neza cane.Diamond kandi niwe yiyandikira indirimbo ziwe zose,gusa akenshi yandika arikumwe n’abandi baririmvyi cane cane abo muri Wasafi bakaza baramuha ivyiyumviro bimwe bimwe ariko arandika.Abaririmvyi yakira muri label yiwe ya Wasafi ahanini aba afise intumbero yo kubafasha ngo nabo bashike ku ndoto zabo nk’uko nawe yafashijwe.Imwe mu ndirimbo ziwe yakunze harimwo Utanipenda ngoyararize umunsi abona irya video ubwambere cane cane harya berekana mama wiwe kuko atari bwigere amubona na rimwe akina muri video.Diamond akaba afise kandi n’uruganda rw’ibiyobe.Ni n’umwe mu baserukizi b’ikinyobwa Belaire Rose.Akenshi aho ari aba afise icupa rya Belaire kugira ayimenyekanishe.
Diamond amenyekanisha ikinyobwa ca Belaire
Romy Jons na Diamond afise Champagne ya Belaire
Ku bijanye n’urukundo Diamond yarakundanye na Penny batandukanye hamaze kumenyekana ko bari abavyara ;yarakundanye na Wema Sepetu hamwe na Zari The Boss Lady. Zari umunsi wa mbere bahura bahuriye mu ndege Diamond avuye muri Afrika y’epfo atashe,hanyuma Zari nawe yari agiye muri Tanzaniya baca barahana nimero za terefone baranaganira umubano utangura ukwo.Bakaba baravyaranye na Zari abana babiri aribo Tiffah Dangote na Nillan batandukanye kuri Saint Valentin ya 2018s.Diamond yaravyaranye kandi n’umunyamideri yitwa Hamissa Mobeto.Ubu akundana n’umumenyeshamakuru w’umunyakenya kazi Tanasha Donna mbere bategura kuzobana vuba.Diamond kandi yaravuzwe cane kuba yaranse igihe kirekire kugirana umubano na se bivuye ku kuntu yabataye na nyina ariko ubu aracishamwo akamufasha.
Diamond na Penny bagikundana
Yarakundanye na Wema Sepetu
Diamond yarakundanye na Zari
Diamond na Zari baravyaranye abana 2
Diamond yaravyaranye na Hamissa Mobeto
Hamissa Mobeto yaragiye mu mashusho atandukanye ya Diamond
Diamond n'umwe mu baririmvyi binjiza amafranga menshi
Diamond ageze ahashimishije
N'umugenzi w'igihangange Rick Ross
Diamond Platnumz na Tanasha Donna bakundana ubu
Raba amashusho y'indirimbo ya mbere yakoze Toka mwanzo



 

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires