Menya abatunzi 20 ba mbere muri Afrika


N’aho abantu tungana imbere y’Imana n’amategeko,tukaba dufise ubwoko bumwe ari bwo bw’umuntu,ntibituma umuntu asa n’uwundi ijana kw’ijana.Buri muntu arisa (unique) kandi buri muntu arisangije ingabirano n’aho abantu bafise vyinshi baba bahuje.Abantu babiri barashobora kuba baravutse ari amahasa(jumeaux) ariko ugasanga umwe iki kiramworohera uwundi kiramugora canke umwe yagize imigisha muri iki uwundi ayigira mu kindi.Ubwo budasa bwacu buratuma dushigikirana mu gufashanya, ubuzima kw’isi bukagenda neza kuko abantu bakeneraniye kandi buzuzanya.Yaba umwigisha,umusirikare, umudandaza,umuganga,n’abandi bose barakeneraniye.Ni muri ubwo budasa nyene usanga hari abantu runaka bakora canke bakaronka ibintu mu buryo budasanzwe bivuye ku ngabirano  bafise, ugasanga nkumuganga abarwayi benshi bipfuza kwivuza iwe,nk’umuririmvyi indirimbo ziwe zirakundwa cane agatera imbere .Ugasanga umuntu afise inguvu z’umubiri zidasanzwe,ubwenge budasanzwe,ubutunzi budasanzwe,n’ibindi.

Kuri uyu mwanya reka mvuge ku bantu batunze vyinshi kurusha abandi mu gushikiriza urutonde rw’ abatunzi 20 ba mbere muri Afrika muri uyu mwaka wa 2019.Umuntu kugira atunge biva ku mpamvu nyinshi zaba inziza canke mbi,ariko akenshi abatunzi bakomeye bakunda kuba ari abakozi ba cane bakora ibishoboka vyose ngo bashike kuco biyemeje,barigomwa,ntibacika intege,bakorera ku gihe  bama bariko bararondera uko botera imbere gusumba,n’ibindi.

Uru rutonde rwakozwe n’ikinyamakuru rurangiranwa Forbes Magazine mu kwezi kwa mbere muri uyu mwaka wa 2019.Ico kinyamakuru carukoze kiravye ko umutunzi yoba aba muri Afrika canke n’aho yoba aba hanze ya Afrika akaba afise vyishi mu bikorwa bimwinjiriza bifise icicaro muri Afrika.Uravye urwo rutonde ubona ko abenshi ari abayobozi b’ibigo vy’ubucuruzi n’inganda bikomakomeye muri Afrika kandi abenshi bari hejuru y’imyaka 50, vyerekana k’ubutunzi bafise baba baraburondeye kuva kera n’aho gutunga cane bidasaba imyaka iminsi yose mbere hari na bamwe bari kuri uru rutonde bakuye ubutunzi ku bavyeyi babo.Uru rutonde ruriko abanya Afrika y’epfo 5 ;abanya Misiri 5 ; abanya Nigeria 4 ;umunya Algeria 1 ;umunya Angola 1 ;umunya Zimbabwe 1 n’umunya Tanzania 1.

Urutonde nyezina


1.     Aliko Dangote : Aliko Dangote n’umunya Nigeria w’imyaka 63 kandi aba i Lagos muri Nigeria.Afise imiriyaridi 10.3 z’amadorari.Ubutunzi bwiwe yabukuye mu bucuruzi bw’isima,i farine n’isukari.Yinjiye mu rudandazwa nyezina mu 1977 adadanza vyinshi,ashira amafranga yiwe mu bintu bitandukanye n’ubu agishishikaye.

Aliko Dangote

2.     Mike Adenuga : Michael Adeniyi Agbolade Ishola Adenuga Jr bakunze kwita Mike Adenuga,n’umutunzi w’umunya Nigeria afise imiriyaridi 9.2 z’amadorari.Afise imyaka 66.Afise ikigo c’itumatumanako ry’amakuru bita Globacom gikorera muri Nigeria,muri Ghana no muri Benin.Arafise kandi imitahe mw’ibanki bita Equitorial Trust Bank no mu kigo gikora ibijanye na Pétrole bita Conoil.

Mike Adenuga

3.     Nicky Oppenheimer : Nicholas F. Oppenheimer n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo afise imyaka 74.Ubutunzi bwiwe akaba yarabukuye ahanini mu bijanye na diamands.Afise ikigo citwa Diamond Trading Company kandi arafise imitahe myinshi mu kigo c’abongereza bita Anglo American.

Nicky Oppenheimer

4.     Nassef Sawiris :Nassef Sawiris n’umutunzi w’umunya Misiri w’imyaka 58.Afise imiriyaridi 6.3 z’amadorari.Atwara ikigo bita Orascom Construction  Industrie kuva mu 1998,atwara ikigo LafargeHolcim,atwara Dubai International Financial Exchange,atwara ikigo Besix gifise icicaro mu bubirigi,atwara ikigo NNS Holding kiri muri Luxemburg.Atwara kandi ikigo gikora ibijanye n’isima bita Egyptian Cement Company(ECC).Afise imitahe muri LafargeHolcim no muri Adidas.Se wiwe nawe yari umutunzi kuko ari we yashinze umurwi Orascom.Nassef Sawiris arafise amazu manini amwe bita villas atatu ahantu bita Gizeh,akaba afise n’ayandi mazu manini i Paris,i New York n’i Londres.Nassef n’umwe mu baramutswa umurwi w’umupira w’amaguru mu bwongereza Aston Villa.

Nassef Sawiris

5.     Johann Rupert : Johann Rupert n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo akaba afise ubutunzi bw’imiriyaridi 5.3 z’amadorari.Afise imyaka 69.Rupert niwe atwara umurwi w’ibigo bikora ibintu vy’agaciro (luxe) bita Richemont icicaro kiri mu buswisi .Se wiwe nawe akaba yari umutunzi yitwa Anton Rupert.

Johann Rupert

6.     Issad Rebrab :Rebrab n’umutunzi w’umunya Algeria,afise imyaka 75.Niwe nyene ikigo bita Groupe Cevital.Ico kigo gikora ibintu bitandukanye ariko gishimikira cane ku bintu bijanye n’ibiribwa.Rebrab akoresha abakozi barenga 18000 kandi ikigo ciwe gikorera mu bice bitandukanye vyo kw’isi.Ariko itariki 22 ndamukiza mu 2019,Rebrab yarafashwe arafungwa bamuziza magendu mu rudandazwa rwiwe akaba apfungiwe mu gasho ka El-Harrach muri Algeria mu kurindira gucibwa urubanza.Ariko bamwe bavuga ko gupfungwa kwiwe ari icitwazo ku butegetsi bushasha kuko babona arenganywa.

Issad Rebrab

Rebrab aremesheje ikiganiro

7.     Naguib Sawiris :Naguib Sawiris nawe n’umutunzi w’umunya Misiri akaba ari mukuru wa Nassef Sawiris nawe ari kuri uru rutonde.Ku myaka 65 yiwe,Naguib afise imiriyaridi 2.9 z’amadorari.Amafranga yiwe yayakuye ahanini ku bijanye n’itumatumanako ry’amakuru.Kuva mu 1979 Naguib yarakoze mu kigo ca se Orascom .Niwe atwara ikigo bita Wind Telecomunicazioni SpA.Naguib n’umunya politike kandi kuko yashinze umugambwe w’abanyamisiri bigenga ari wo Parti des Egyptiens Libres.Naguib kandi n’umukristu w’umu copte.

Naguib Sawiris

8.     Koos Bekker : Jacobus Petrus «Koos» Bekker n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo.Afise imyaka 65.Afise imiriyaridi 2.3 z’amadorari.Amafranga yiwe yayakuye mu mugwi w’ibimenyeshamakuru witwa Napsers ayoboye,yayakuye kandi no mu mitahe yashoye mu bintu bitandukanye.Uwo murwi Napsers ukorera mu bihugu birenga 130 kw’isi.Bekker ari mu bashinze umurwi w’ugutanga imboneshakure zirihwa M-Net, ari no mu bigeze kuyobora ikigo c’itumatumanaho ry’amakuru MTN.

Koos Bekker

9.     Isabel Dos Santos :Isabel Dos Santos n’umukobwa w’imfura w’uwahoze atwara igihugu ca Angola President Jose Eduardo Dos Santos.Mama wiwe akaba ari umurusiyakazi n’ukuvuga ko Isabel ari umudimudimu(metisse).Ku myaka 46 yiwe afise imiriyaridi 2.3.z’amadorari.Yayakuye mu gushira imitahe n’ukudandaza ibintu bitandukanye.Afise ibintu vyinshi bimwinjiriza amafranga mu bihugu bitandukanye tutodondagura ngo tumare vyo kw’isi haba mu bwubatsi mu ma banki mu kwishimisha,mw’itumatumanako ry’amakuru n’ibindi vyinshi.Nk’akarorero afise imitahe ihambaye mu kigo c’itumatumanako ry’amakuru ca mbere muri Angola UNITEL,Afise imitahe mu ma Banki nka BIC ,BIP n’ahandi.Ni we mugore wa mbere atunze muri Afrika.Umugabo wiwe n’umugwizatunga w’umukongomani Sindika Dokolo.Dos Santos n'umuntu yamana akanyamuneza,akora cane,ntiyivanga cane mu vya poritike kandi ntakunda gushira cane ubuzima bwiwe mu bimenyesha makuru.

Isabel Dos Santos

Dos Santos mu kazi

Isabel ariko aratanga ikiganiro

Dos Santos ari kumwe n'umugabo wiwe Sindika Dokolo

10.      Mohammed Mansour : Mansour n’umurwizatunga w’umunya Misiri,afise imiriyaridi 2.3 z’amadorari.Afise imyaka 71.Niwe atwara ikigo gikomeye cane mu misiri Mansour Group .Mu 2006 yaragizwe umushikiranganji ajejwe uruja n’uruza mu misiri aca atanga imihoho mu 2009 inyuma y’impanuka ya Gari ya moshi yahitanye abantu.

Mohammed Mansour

11.      Strive Masiyiwa : Strive Masiyiwa n’umutunzi w’umunya Zimbabwe afise imyaka 58 ariko aba i Londres.Niwe yashinze kandi atwara ikigo c’itumatumanaho ry’amakuru Econet Wireless gisanzwe gifise bimwe mu bikorwa gikorera mu Burundi.Masiyiwa ari mu bagize umurwi Africa Progress Panel umurwi ugizwe n’abanyafika 10 bitanga mu kuvugira Afrika mu bijanye n’iterambere.

Masiyiwa niwe boss wa Econet Wireless

12. Patrice Motsepe :Motsepe n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo afise imyaka 58.Akomoka mu muryango w’abaganwa bo mu bwoko bwa Tswana.Nawe afise imiriyaridi 2.3 z’amadorari yakuye ahanini mu bikorwa bijanye n’amabuye y’agaciro.Niwe nyene ikigo Future Mining kandi arafise amashirahamwe menshi ari mu murwi yise African Rainbow Mineral ayoboye.Arafise imitahe mu kigo gikomeye cane kw’isi citwa Harmony Gold  kandi niwe muyobozi w’umurwi w’umupira w’amaguru witwa Mamelodie Soundouns ukina mu cicaro ca mbere muri Afrika y’epfo.Umutambukanyi wa président wa Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa asanzwe avukana na Motsepe.

Patrice Motsepe

13. Aziz Akhannouch : Akhannouch n’umunya Maroc w’imyaka 58.Afise imiriyaridi 2.1 z’amadorari yakuye cane cane muri pétrole, gaz,ibijanye na chimie no mu bindi bikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.Afise imitahe myinshi muri Akwa Group ,muri Afriquia Gaz no muri Maghreb Oxygen.N’umunyaporitike ,yarabaye umushikiranganji w’uburimyi mu 2007 hanyuma kuva mu 2016 n’umukuru w’umugambwe Rassembement national des independants(RNI)

Akhannouch

14. Mohammed Dewji :Dewji n’umunya Tanzania w’imyaka 44.Afise umuriyaridi 1.9 z’amadorari.Kugeza ubu niwe mutunzi(milliardaire) akiri muto muri Afrika.Niwe nyene ikigo Mohammed Entreprises Tanzania Limited (MeTL Group) cashinzwe na se wiwe muri za 70 kandi akora ibikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.Abarizwa mu mugambwe wa Chama Cha Mapinduzi(CCM) kandi kuva mu 2005 gushika mu 2015 yari umushingamateka .Dewji kandi mu 2018 yaranyurujwe n’abagizi ba nabi ariko haheze iminsi 9 ararekurwa.Dewji niwe muyobozi w’umurwi w’umupira w’amaguru ukunzwe cane wo muri Tanzania witwa Simba Sc.

Mo Dewji

Niwe atwara umurwi wa Simba SC

15.  Othman Benjelloun : Benjelloun n’umugwizatunga w’umunya Maroc afise imyaka 86.Ni we mugwizatunga akuze ari kuri uru rutonde.Akomoka ku muryango w’abatunzi.Benjelloun aronkera amafranga menshi mu bijanye n’amabanki na assurance.

Othman Benjelloun

16. Abdul Samad Rabiu : Rabiu n’umurwizatunga w’umunya Nigeria w’imyaka 59.Afise umuriyaridi 1.6 z’amadorari.Niwe yashinze BUA Group,uruganda rukora ivy’uburimyi ,inyubako n’uguhingura.Yinjije amafranga menshi akura mu bijanye n’isima n’isukari.Se wiwe yari umutunzi akomeye mu vy’inganda muri za 70 na 80.

Rabiu

17.  Yasseen Mansour : Yasseen n’uwundi mugwizatunga w’umunya Misiri.Afise imyaka 57.Ubutunzi bwiwe buharurwa mu muriyaridi 1.5 z’amadorari.Avukana n’abandi bagwizatunga babiri bari kuri uru rutonde aribo Mohammed Mansour na Youssef Mansour.Ari mu bayobozi ba Mansour Group kandi amafranga ayakura mu bikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.

Yassen Mansour

18.  Youssef Mansour : Youssef nawe n’umunya Misiri,akaba afise imyaka 74.Ubutunzi bwa Youssef buharurwa  mu muriyaridi 1.2 w’amadorari.Avukana n’abandi barwizatunga bari kuri runo rutonde aribo Mohammed Mansour na Yasseen Mansour.Ari mu bayobozi ba Mansour Group kandi amafranga menshi ayakura mu bikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.

Youssef Mansour

19. Folorunsho Alakija : Folorunsho n’umurwizatunga w’umunya Nigeriakazi,afise imyaka 68.Ubutunzi bwiwe buharurwa mu muriyaridi 1.1 w’amadorari.N’umunyamideri kandi akaba aronka amafranga menshi akura mu gitoro.

Folorunsho Alakija

20.  Michiel Le Roux : Le Roux n’umurwizatunga w’ umunya Afrika y’epfo afise imyaka 70.Ubutunzi bwiwe yabukuye mu bijanye n’amabanki.Niwe yashinze Copitec Bank.

Michiel Le Roux

Abagwizatunga mu miryango yabo no muri politike

Uru rutonde rwatumye nibaza ku bintu bibiri numva nogira ico mvuzeko arivyo umurwizatunga na politike,hamwe n’abagwizatunga basangiye umuryango.

Burya umurwizatunga  wo ku rwego rwo hejuru mu gihugu bisa n’aho ataho aba atandukaniye n’umwe mu bategetsi bakomeye cane mu gihugu,aha ndavuga nk’umushikiranganji,umushingamateka n’abandi.N’umuntu aba ari ngirakamaro mu gihugu kuko aba afise ibikorwa biteza imbere igihigu n’abakibamwo,ibikorwa vyiwe vyinjiza amakori menshi mu gihugu,atanga ubuzi bwinshi ku banyagihugu n’ibindi.N’umuntu yama ariko arafata ingingo,yama afise akazi kenshi,yama mu manama,yama ariko aravuga amajambo(discours)yaba ayatera intege canke ayajanye n’igikorwa runaka n’ibindi.N’umuntu aba ashobora gufata ingingo igakiza canke ikonona vyinshi mu gihugu bivanye n’ico aba ashaka gushikako, n’umuntu kandi aba akunzwe n’abanyagihugu.Ubwo bubasha n’igihagararo vyiwe ni vyo bica bituma ahabwa icubahiro gikomeye, akirukirwa na benshi harimwo n’abanyeporitike n’abategetsi b’igihugu.Abanyeporitike bakipfuza ko yobafasha mu bijanye n’uburyo hamwe n’ukumenyekanisha umugambwe wabo mu banyagihugu ;abategetsi b’igihugu nabo bakipfuza ko yokomeza imigambi yiwe y’iterambere mu gihugu akongera akerekana mu banyagihugu kw’ashigikiye ubutegetsi kugirango abanyagihugu bamukunda nabo bashigikire inzego z’igihugu.Ukwo kugendana n’abanyeporitike n’abategetsi b’igihugu bica bituma amenya vyinshi ku ntwaro hakaba ivyo ashima n’ivyo agaya.Nikwo guca atangura kwiyumvamwo ugushaka kuba umushingamateka,umushikiranganji canke agashinga umugambwe wiwe kugira ahindure ibintu canke azoyobore igihugu.Gutwara n’ugufata ingingo s’ikintu kiba kigoye iwe kuko aba abimenyereye mu bucuruzi bwiwe.Ni kurya ubona umurwizatunga nka Donald Trump atwara igihugu c’igihangange nka Leta zunze ubumwe za Amerika ata bwoba.

Ku bijanye n’imiryango y’abarwizatunga aho usanga se wiwe nawe yari umurwizatunga canke avukana n’abagwizatunga nka kurya kw’abavukanyi b’aba Sawiris canke aba Mansour bari kuri uru rutonde,n’ibintu mbona ahanini biva ku ndero n’ubumenyi umurwizatunga aba yarahaye umwana wiwe ituma umwana akora cane kugira itunga yarazwe ry’umuryango ntirisubire inyuma ariko ritere imbere n’aho n’imigisha irimwo.Ivyo ntibiba ku bagwizatunga bose kuko hari abantu benshi barazwe ubutunzi bwinshi n’abavyeyi ariko bivuye ku mpamvu nyinshi harimwo n’indero n’ubumenyi, itunga rigasubira inyuma. Ikindi novuga gituma itunga mu muryango ritera imbere harimwo ubumwe n’ugushigikirana mu bagize umuryango umwe.Aho sinokwibagira na kakantu kari mu muntu k’ukwama ashaka gutera imbere kuruta uko ameze ubu canke akama akora cane kugira ntasubire inyuma.

Reka nipfurize uburundi kuronka abarwizatunga bakomeye benshi,bagashinga ibikorwa vy’ubucuruzi vyinshi mu Burundi kandi bikorera mu Burundi ku buryo vuba umuntu azoraba nk’uru rutonde akabonako n’abarundi.

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires