N’aho abantu
tungana imbere y’Imana n’amategeko,tukaba dufise ubwoko bumwe ari bwo
bw’umuntu,ntibituma umuntu asa n’uwundi ijana kw’ijana.Buri muntu arisa
(unique) kandi buri muntu arisangije ingabirano n’aho abantu bafise vyinshi
baba bahuje.Abantu babiri barashobora kuba baravutse ari amahasa(jumeaux) ariko
ugasanga umwe iki kiramworohera uwundi kiramugora canke umwe yagize imigisha
muri iki uwundi ayigira mu kindi.Ubwo budasa bwacu buratuma dushigikirana mu
gufashanya, ubuzima kw’isi bukagenda neza kuko abantu bakeneraniye kandi buzuzanya.Yaba
umwigisha,umusirikare, umudandaza,umuganga,n’abandi bose barakeneraniye.Ni muri
ubwo budasa nyene usanga hari abantu runaka bakora canke bakaronka ibintu mu
buryo budasanzwe bivuye ku ngabirano
bafise, ugasanga nkumuganga abarwayi benshi bipfuza kwivuza iwe,nk’umuririmvyi
indirimbo ziwe zirakundwa cane agatera imbere .Ugasanga umuntu afise inguvu
z’umubiri zidasanzwe,ubwenge budasanzwe,ubutunzi budasanzwe,n’ibindi.
Kuri uyu mwanya
reka mvuge ku bantu batunze vyinshi kurusha abandi mu gushikiriza urutonde rw’ abatunzi
20 ba mbere muri Afrika muri uyu mwaka wa 2019.Umuntu kugira atunge biva ku
mpamvu nyinshi zaba inziza canke mbi,ariko akenshi abatunzi bakomeye bakunda
kuba ari abakozi ba cane bakora ibishoboka vyose ngo bashike kuco biyemeje,barigomwa,ntibacika
intege,bakorera ku gihe bama bariko
bararondera uko botera imbere gusumba,n’ibindi.
Uru rutonde
rwakozwe n’ikinyamakuru rurangiranwa Forbes
Magazine mu kwezi kwa mbere muri uyu mwaka wa 2019.Ico kinyamakuru carukoze
kiravye ko umutunzi yoba aba muri Afrika canke n’aho yoba aba hanze ya Afrika
akaba afise vyishi mu bikorwa bimwinjiriza bifise icicaro muri Afrika.Uravye
urwo rutonde ubona ko abenshi ari abayobozi b’ibigo vy’ubucuruzi n’inganda
bikomakomeye muri Afrika kandi abenshi bari hejuru y’imyaka 50, vyerekana
k’ubutunzi bafise baba baraburondeye kuva kera n’aho gutunga cane bidasaba
imyaka iminsi yose mbere hari na bamwe bari kuri uru rutonde bakuye ubutunzi ku
bavyeyi babo.Uru rutonde ruriko abanya Afrika y’epfo 5 ;abanya Misiri
5 ; abanya Nigeria 4 ;umunya Algeria 1 ;umunya Angola
1 ;umunya Zimbabwe 1 n’umunya Tanzania 1.
Urutonde nyezina
1. Aliko Dangote :
Aliko Dangote n’umunya Nigeria w’imyaka 63 kandi aba i Lagos muri Nigeria.Afise
imiriyaridi 10.3 z’amadorari.Ubutunzi bwiwe yabukuye mu bucuruzi bw’isima,i
farine n’isukari.Yinjiye mu rudandazwa nyezina mu 1977 adadanza vyinshi,ashira
amafranga yiwe mu bintu bitandukanye n’ubu agishishikaye.
Aliko Dangote
2. Mike Adenuga : Michael Adeniyi Agbolade Ishola Adenuga Jr bakunze kwita Mike
Adenuga,n’umutunzi w’umunya Nigeria afise imiriyaridi 9.2 z’amadorari.Afise
imyaka 66.Afise ikigo c’itumatumanako ry’amakuru bita Globacom gikorera muri Nigeria,muri Ghana no muri Benin.Arafise
kandi imitahe mw’ibanki bita Equitorial
Trust Bank no mu kigo gikora ibijanye na Pétrole bita Conoil.
Mike Adenuga
3. Nicky Oppenheimer : Nicholas F. Oppenheimer n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo afise
imyaka 74.Ubutunzi bwiwe akaba yarabukuye ahanini mu bijanye na diamands.Afise
ikigo citwa Diamond Trading Company
kandi arafise imitahe myinshi mu kigo c’abongereza bita Anglo American.
Nicky Oppenheimer
4. Nassef Sawiris :Nassef Sawiris n’umutunzi w’umunya Misiri w’imyaka 58.Afise imiriyaridi
6.3 z’amadorari.Atwara ikigo bita Orascom
Construction Industrie kuva mu 1998,atwara ikigo LafargeHolcim,atwara Dubai International Financial Exchange,atwara
ikigo Besix gifise icicaro mu
bubirigi,atwara ikigo NNS Holding
kiri muri Luxemburg.Atwara kandi ikigo gikora ibijanye n’isima bita Egyptian Cement Company(ECC).Afise
imitahe muri LafargeHolcim no muri Adidas.Se wiwe nawe yari umutunzi kuko
ari we yashinze umurwi Orascom.Nassef
Sawiris arafise amazu manini amwe bita villas atatu ahantu bita Gizeh,akaba
afise n’ayandi mazu manini i Paris,i New York n’i Londres.Nassef n’umwe mu
baramutswa umurwi w’umupira w’amaguru mu bwongereza Aston Villa.
Nassef Sawiris
5. Johann Rupert :
Johann Rupert n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo akaba afise ubutunzi
bw’imiriyaridi 5.3 z’amadorari.Afise imyaka 69.Rupert niwe atwara umurwi
w’ibigo bikora ibintu vy’agaciro (luxe) bita Richemont icicaro kiri mu buswisi .Se wiwe nawe akaba yari umutunzi
yitwa Anton Rupert.
Johann Rupert
6. Issad Rebrab :Rebrab
n’umutunzi w’umunya Algeria,afise imyaka 75.Niwe nyene ikigo bita Groupe Cevital.Ico kigo gikora ibintu
bitandukanye ariko gishimikira cane ku bintu bijanye n’ibiribwa.Rebrab akoresha
abakozi barenga 18000 kandi ikigo ciwe gikorera mu bice bitandukanye vyo kw’isi.Ariko
itariki 22 ndamukiza mu 2019,Rebrab yarafashwe arafungwa bamuziza magendu mu
rudandazwa rwiwe akaba apfungiwe mu gasho ka El-Harrach muri Algeria mu
kurindira gucibwa urubanza.Ariko bamwe bavuga ko gupfungwa kwiwe ari icitwazo ku
butegetsi bushasha kuko babona arenganywa.
Issad Rebrab
Rebrab aremesheje ikiganiro
7. Naguib Sawiris :Naguib
Sawiris nawe n’umutunzi w’umunya Misiri akaba ari mukuru wa Nassef Sawiris nawe
ari kuri uru rutonde.Ku myaka 65 yiwe,Naguib afise imiriyaridi 2.9 z’amadorari.Amafranga
yiwe yayakuye ahanini ku bijanye n’itumatumanako ry’amakuru.Kuva mu 1979 Naguib
yarakoze mu kigo ca se Orascom .Niwe
atwara ikigo bita Wind Telecomunicazioni
SpA.Naguib n’umunya politike kandi kuko yashinze umugambwe w’abanyamisiri
bigenga ari wo Parti des Egyptiens Libres.Naguib
kandi n’umukristu w’umu copte.
Naguib Sawiris
8. Koos Bekker :
Jacobus Petrus «Koos» Bekker n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo.Afise imyaka
65.Afise imiriyaridi 2.3 z’amadorari.Amafranga yiwe yayakuye mu mugwi w’ibimenyeshamakuru
witwa Napsers ayoboye,yayakuye kandi
no mu mitahe yashoye mu bintu bitandukanye.Uwo murwi Napsers ukorera mu bihugu birenga 130 kw’isi.Bekker ari mu bashinze
umurwi w’ugutanga imboneshakure zirihwa M-Net,
ari no mu bigeze kuyobora ikigo c’itumatumanaho ry’amakuru MTN.
Koos Bekker
9. Isabel Dos Santos :Isabel Dos Santos n’umukobwa w’imfura w’uwahoze atwara igihugu ca
Angola President Jose Eduardo Dos Santos.Mama wiwe akaba ari umurusiyakazi
n’ukuvuga ko Isabel ari umudimudimu(metisse).Ku myaka 46 yiwe afise imiriyaridi
2.3.z’amadorari.Yayakuye mu gushira imitahe n’ukudandaza ibintu
bitandukanye.Afise ibintu vyinshi bimwinjiriza amafranga mu bihugu bitandukanye
tutodondagura ngo tumare vyo kw’isi haba mu bwubatsi mu ma banki mu kwishimisha,mw’itumatumanako
ry’amakuru n’ibindi vyinshi.Nk’akarorero afise imitahe ihambaye mu kigo c’itumatumanako
ry’amakuru ca mbere muri Angola UNITEL,Afise
imitahe mu ma Banki nka BIC ,BIP n’ahandi.Ni we mugore wa mbere atunze muri
Afrika.Umugabo wiwe n’umugwizatunga w’umukongomani Sindika Dokolo.Dos Santos n'umuntu yamana akanyamuneza,akora cane,ntiyivanga cane mu vya poritike kandi ntakunda gushira cane ubuzima bwiwe mu bimenyesha makuru.
Isabel Dos Santos
Dos Santos mu kazi
Isabel ariko aratanga ikiganiro
Dos Santos ari kumwe n'umugabo wiwe Sindika Dokolo
10.
Mohammed Mansour : Mansour n’umurwizatunga
w’umunya Misiri,afise imiriyaridi 2.3 z’amadorari.Afise imyaka 71.Niwe atwara
ikigo gikomeye cane mu misiri Mansour
Group .Mu 2006 yaragizwe umushikiranganji ajejwe uruja n’uruza mu misiri
aca atanga imihoho mu 2009 inyuma y’impanuka ya Gari ya moshi yahitanye abantu.
Mohammed Mansour
11. Strive Masiyiwa :
Strive Masiyiwa n’umutunzi w’umunya Zimbabwe afise imyaka 58 ariko aba i
Londres.Niwe yashinze kandi atwara ikigo c’itumatumanaho ry’amakuru Econet Wireless gisanzwe gifise bimwe mu
bikorwa gikorera mu Burundi.Masiyiwa ari mu bagize umurwi Africa Progress Panel umurwi ugizwe n’abanyafika 10 bitanga mu
kuvugira Afrika mu bijanye n’iterambere.
Masiyiwa niwe boss wa Econet Wireless
12. Patrice Motsepe :Motsepe
n’umutunzi w’umunya Afrika y’epfo afise imyaka 58.Akomoka mu muryango
w’abaganwa bo mu bwoko bwa Tswana.Nawe
afise imiriyaridi 2.3 z’amadorari yakuye ahanini mu bikorwa bijanye n’amabuye
y’agaciro.Niwe nyene ikigo Future Mining
kandi arafise amashirahamwe menshi ari mu murwi yise African Rainbow Mineral
ayoboye.Arafise imitahe mu kigo gikomeye cane kw’isi citwa Harmony Gold kandi niwe muyobozi w’umurwi w’umupira w’amaguru
witwa Mamelodie Soundouns ukina mu
cicaro ca mbere muri Afrika y’epfo.Umutambukanyi wa président wa Afrika y’epfo
Cyril Ramaphosa asanzwe avukana na Motsepe.
Patrice Motsepe
13. Aziz Akhannouch :
Akhannouch n’umunya Maroc w’imyaka 58.Afise imiriyaridi 2.1 z’amadorari yakuye
cane cane muri pétrole, gaz,ibijanye na chimie no mu bindi bikorwa bitandukanye
vy’ubucuruzi.Afise imitahe myinshi muri Akwa
Group ,muri Afriquia Gaz no muri Maghreb Oxygen.N’umunyaporitike ,yarabaye umushikiranganji w’uburimyi mu
2007 hanyuma kuva mu 2016 n’umukuru w’umugambwe Rassembement national des independants(RNI)
Akhannouch
14. Mohammed Dewji :Dewji
n’umunya Tanzania w’imyaka 44.Afise umuriyaridi 1.9 z’amadorari.Kugeza ubu niwe
mutunzi(milliardaire) akiri muto muri Afrika.Niwe nyene ikigo Mohammed
Entreprises Tanzania Limited (MeTL Group) cashinzwe na se wiwe muri za 70 kandi
akora ibikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.Abarizwa mu mugambwe wa Chama Cha
Mapinduzi(CCM) kandi kuva mu 2005 gushika mu 2015 yari umushingamateka .Dewji
kandi mu 2018 yaranyurujwe n’abagizi ba nabi ariko haheze iminsi 9 ararekurwa.Dewji
niwe muyobozi w’umurwi w’umupira w’amaguru ukunzwe cane wo muri Tanzania witwa
Simba Sc.
Mo Dewji
Niwe atwara umurwi wa Simba SC
15. Othman Benjelloun : Benjelloun n’umugwizatunga w’umunya Maroc afise imyaka 86.Ni we
mugwizatunga akuze ari kuri uru rutonde.Akomoka ku muryango w’abatunzi.Benjelloun
aronkera amafranga menshi mu bijanye n’amabanki na assurance.
Othman Benjelloun
16. Abdul Samad Rabiu : Rabiu n’umurwizatunga w’umunya Nigeria w’imyaka 59.Afise
umuriyaridi 1.6 z’amadorari.Niwe yashinze BUA
Group,uruganda rukora ivy’uburimyi ,inyubako
n’uguhingura.Yinjije amafranga menshi akura mu bijanye n’isima n’isukari.Se
wiwe yari umutunzi akomeye mu vy’inganda muri za 70 na 80.
Rabiu
17. Yasseen Mansour :
Yasseen n’uwundi mugwizatunga w’umunya Misiri.Afise imyaka 57.Ubutunzi bwiwe
buharurwa mu muriyaridi 1.5 z’amadorari.Avukana n’abandi bagwizatunga babiri
bari kuri uru rutonde aribo Mohammed Mansour na Youssef Mansour.Ari mu bayobozi
ba Mansour Group kandi amafranga
ayakura mu bikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.
Yassen Mansour
18. Youssef Mansour :
Youssef nawe n’umunya Misiri,akaba afise imyaka 74.Ubutunzi bwa Youssef
buharurwa mu muriyaridi 1.2 w’amadorari.Avukana
n’abandi barwizatunga bari kuri runo rutonde aribo Mohammed Mansour na Yasseen
Mansour.Ari mu bayobozi ba Mansour Group
kandi amafranga menshi ayakura mu bikorwa bitandukanye vy’ubucuruzi.
Youssef Mansour
19. Folorunsho Alakija : Folorunsho n’umurwizatunga w’umunya Nigeriakazi,afise imyaka 68.Ubutunzi
bwiwe buharurwa mu muriyaridi 1.1 w’amadorari.N’umunyamideri kandi akaba aronka
amafranga menshi akura mu gitoro.
Folorunsho Alakija
20. Michiel Le Roux :
Le Roux n’umurwizatunga w’ umunya Afrika y’epfo afise imyaka 70.Ubutunzi bwiwe
yabukuye mu bijanye n’amabanki.Niwe yashinze Copitec Bank.
Michiel Le Roux
Abagwizatunga mu miryango yabo no
muri politike
Uru rutonde
rwatumye nibaza ku bintu bibiri numva nogira ico mvuzeko arivyo umurwizatunga
na politike,hamwe n’abagwizatunga basangiye umuryango.
Burya
umurwizatunga wo ku rwego rwo hejuru mu
gihugu bisa n’aho ataho aba atandukaniye n’umwe mu bategetsi bakomeye cane mu
gihugu,aha ndavuga nk’umushikiranganji,umushingamateka n’abandi.N’umuntu aba
ari ngirakamaro mu gihugu kuko aba afise ibikorwa biteza imbere igihigu
n’abakibamwo,ibikorwa vyiwe vyinjiza amakori menshi mu gihugu,atanga ubuzi
bwinshi ku banyagihugu n’ibindi.N’umuntu yama ariko arafata ingingo,yama afise
akazi kenshi,yama mu manama,yama ariko aravuga amajambo(discours)yaba ayatera
intege canke ayajanye n’igikorwa runaka n’ibindi.N’umuntu aba ashobora gufata
ingingo igakiza canke ikonona vyinshi mu gihugu bivanye n’ico aba ashaka
gushikako, n’umuntu kandi aba akunzwe n’abanyagihugu.Ubwo bubasha n’igihagararo
vyiwe ni vyo bica bituma ahabwa icubahiro gikomeye, akirukirwa na benshi
harimwo n’abanyeporitike n’abategetsi b’igihugu.Abanyeporitike bakipfuza ko
yobafasha mu bijanye n’uburyo hamwe n’ukumenyekanisha umugambwe wabo mu
banyagihugu ;abategetsi b’igihugu nabo bakipfuza ko yokomeza imigambi yiwe
y’iterambere mu gihugu akongera akerekana mu banyagihugu kw’ashigikiye
ubutegetsi kugirango abanyagihugu bamukunda nabo bashigikire inzego z’igihugu.Ukwo
kugendana n’abanyeporitike n’abategetsi b’igihugu bica bituma amenya vyinshi ku
ntwaro hakaba ivyo ashima n’ivyo agaya.Nikwo guca atangura kwiyumvamwo ugushaka kuba umushingamateka,umushikiranganji canke agashinga umugambwe
wiwe kugira ahindure ibintu canke azoyobore igihugu.Gutwara n’ugufata ingingo
s’ikintu kiba kigoye iwe kuko aba abimenyereye mu bucuruzi bwiwe.Ni kurya ubona
umurwizatunga nka Donald Trump atwara igihugu c’igihangange nka Leta zunze
ubumwe za Amerika ata bwoba.
Ku bijanye
n’imiryango y’abarwizatunga aho usanga se wiwe nawe yari umurwizatunga canke
avukana n’abagwizatunga nka kurya kw’abavukanyi b’aba Sawiris canke aba Mansour
bari kuri uru rutonde,n’ibintu mbona ahanini biva ku ndero n’ubumenyi
umurwizatunga aba yarahaye umwana wiwe ituma umwana akora cane kugira itunga
yarazwe ry’umuryango ntirisubire inyuma ariko ritere imbere n’aho n’imigisha
irimwo.Ivyo ntibiba ku bagwizatunga bose kuko hari abantu benshi barazwe
ubutunzi bwinshi n’abavyeyi ariko bivuye ku mpamvu nyinshi harimwo n’indero
n’ubumenyi, itunga rigasubira inyuma. Ikindi novuga gituma itunga mu muryango
ritera imbere harimwo ubumwe n’ugushigikirana mu bagize umuryango umwe.Aho
sinokwibagira na kakantu kari mu muntu k’ukwama ashaka gutera imbere kuruta uko
ameze ubu canke akama akora cane kugira ntasubire inyuma.
0 Commentaires