Amazina yiwe y’ukuri ni Onika Tanya Maraj yavukiye mu gace ka Saint James mu gisagara ca Port
Espagne mu gihugu ca Trinidad & Tobago itariki 8 kigarama 1982 n’umu
rappeuse,umwanditsi w’indirimbo,umunyamideri n’umukinyi w’amareresi
w’umunyamerika kazi akomoka mu gihugu ca Trinidad & Tobago.
Ubuto
bwiwe
Abavyeyi biwe ni Carol na Robert Maraj bakaba bakora
mu kigo bita American Express igihe bamuvyara.Nyina wiwe akomoka muri
Trinidad&Tobago,se nawe akomoka mu gihugu c’ubuhinde.Minaj n’umuhererezi mu
muryango urimwo abana 3.Afise bakuru biwe 2 b’abahungu ari bo Micaiah Maraj na
Jelani Maraj mbere arakunda kubavuga mu ndirimbo ziwe nka I’m the Best iri kuri album yiwe ya mbere Pink Friday.Akiri i Saint James,yabana na nyokuru wiwe,nyina wiwe
yaza kumuramutsa rimwe rimwe.Igihe yari afise imyaka itanu nyina wiwe
yaramutwaye muri Leta zunze ubumwe za Amerika
muri Leta ya New York mu gace ka Queens.Nk’uko Minaj abivuga,se wiwe ngo yari
imborerwa n’umunywarumogi ,yarakunda kubakubita hamwe na nyina na basaza biwe
mbere umunsi umwe yaragerageje kwica nyina wiwe mu guturira inzu.Akiri muto
yarize gukoresha igikoresho c’umuziki bita clarinette
yarize kandi ibijanye n’amareresi kw’ishure ryisumbuye rya LaGuardia
High School batazira The Fame School
riherereye mu gace ka Manhattan muri New York aho yaronkeye urupapuro
rw’umutsindo mu bijanye n’amareresi.Mu 2001 yarakinye muri théâtre yitwa In Case
You Forget ariko mu nyuma yaciye ashira
ku ruhande ibijanye n’ugukina amareresi aca aja kuba umu serveuse mu buriro bwa
Red Lobster buherereye mu gace ka
Bronx.Ku myaka 19 ubwo buriro bwaramwirukanye kubera kudafata neza abakiriya .Yarakoze
kandi muri Wall Street.Mu nyuma yaciye afata ingingo y’ukuja mu muziki nk’umu
rappeuse aca ahagarika ubundi buzi.
Minaj agifise imyaka 17
Abavyeyi biwe
Ari kumwe na nyina muri BET Awards
Nicki Minaj na se
Ari kumwe na mukuru wiwe Jelani Maraj
Minaj
mu muziki nyezina
Nicki Minaj yatanguriye umuziki muri Hot 97 na DJ
Kay,mu 2002 uwitwa Fendi yaramenye impano ya Nicki Minaj biciye k’urubuga rwa
Myspace,aca amusinyisha muri label yiwe ya Dirty Money.Muri iyo myaka kandi
Minaj yarakoranye n’ishirahamwe ry’imikino yo kurwana ryo muri Leta zunze ubumwe za Amerika WWE mu
gukora indirimbo Lady to mess with
yakoreshwa n’umurwanyi Victoria.Yarabonetse kandi mu rukurikirane rw’indirimbo The Carter
Edition of Young Money mu ndirimbo The
Come Up aho yaciye ahamagarwa na Lil wayne bakorana ku ndirimbo
zitandukanye.Hagati ya 2007 na 2009 yarasohoye ama mixtapes 3 ariyo Play time is over(2007) ;Sucka Free(2008) yatumye amenyekana
cane, na Beam me Up Scotty yaguzwe bitangaje n’umuriyoni
w’abantu muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Mu 2009 Nicki Minaj yasinye muri
Label ya Young Money Entertainment
ico gihe yarimwo abaririmvyi nka Lil Wayne,Drake,Tyga,Birdman n’abandi.Muri
munyonyo mu 2010 yasohoye album yiwe ya mbere Pink Friday .Iyo album yarakunzwe cane n’abantu mbere
mu ndwi yayo ya mbere yaguzwe n’abantu 37500,iba iya mbere ku rutonde rwa Billboard 200,inahabwa agashimwe ka
Disque de Platine na RIAA(Recording
Industry Association of America) ukwezi guheze isohotse,yariko indirimbo
nka Your Love, Right Thru me,Super Bass
n’izindi.Ico gihe yanabaye kandi umuririmvyi kazi wa mbere agize indirimbo ndwi
mu rutnde rwa Billboard Hot 100.
Album yiwe ya kabiri yasohotse mu 2012 yitwa Pink Friday :Roman Reloaded,nayo yabaye iya mbere ku
rutonde,indirimbo Starships iba iya 5
ku rutonde rwa Billboard Hot 100.Album
yiwe ya 3 yitwa The Pinkprint ikaba
yasohotse mu 2014 ibanzirizwa n’ugusohoka kw’indirimbo Anaconda yabaye iya 2 k’urutonde rwa Hot 100 ica iba indirimbo yiwe yafashe ikibanza ciza muri Leta
zunze ubumwe za Amerika.Album yiwe ya 4 ni Queen,yasohotse
mu 2018 hanyuma indirimbo Chun-Li
yabaye iya 10 k’urutonde ica iba indirimbo
yiwe ya 16 igiye mu rutonde rw’indirimbo 10 cumi zikunzwe muri Leta zunze
ubumwe za Amerika. Minaj yarakinye
muma reresi nka L’age de glace mu
2012,Triple Alliance mu 2014,no muri Barbershop :The Next Cut mu 2016.Mu
2013 yarabaye umukemura mpaka mu rukurikirane rwa 12 rwa American Idols.
Minaj muri American Idols
Mu 2013,Nicki
Minaj,Beyonce na Michelle Obama barakiriwe nk’abagore bavuga rikumvwa n’ikinyamakuru
New York Times.Muri ndamukiza mu 2017
Nicki Minaj yarabaye umuririmvyi w’umwigeme yashizwe kenshi mu rutonde rwa Billboard Hot 100 aca arusha uwaruhorako
Aretha Flanklin.N’umuririmvyi wa kane afise indirimbo nyinshi zinjiye muri urwo
rutonde.Mu bijanye n’ubushimwe,yararonse agashimwe ka Underground Music Awards ;ak’umuririmvyi mushasha mwiza yahawe na Billboard,afise ubushimwe 4 bwa American Music Award; 8 bwa BET Awards;2 bwa MTV Music Awards;2 bwa MTV
Europe Music Awards;5 bwa Billboard
Music Awards n’ubundi bwinshi bwa ASCAP
na BMI Awards iha ubushimwe abazi
kwandika indirimbo.Yarahawe agashimwe k’umwanditsi w’indirimbo mwiza w’umwaka
mu 2013.Mu buzima bwiwe,Nicki Minaj yaronse ubushimwe burenga 93 aca aba umu
rappeuse wa mbere aronse ubushimwe bwinshi imbere ya Missy Elliot.
Minaj ateruye agashimwe ka American Music Awards
Minaj kuri Tapis rouge mu birori vya AMA's
Mu 2018 ubutunzi
bwa Nicki Minaj bwaharurwa mu miriyoni 122,5 z’ama dorari bituma aba umu rappeuse
wambere yashizwe n’ikinyamakuru Forbes
k’urutonde rwa Hip Hop Cash Kings.Nicki
Minaj canke umwamikazi wa Rap nk’uko benshi bamwita n’umwe muba rappeuse
bagurishije indirimbo n’ama albums menshi kw’isi harimwo izirenga 100 yagurishije
muri Leta zunze ubumwe za Amerika.Mu 2012 mu gihe hariko haba imyiyamamazo
y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe za Amerika,Minaj
yarerekanye kw’ashigikiye Barack Obama.Mu ntango za 2016,Minaj yarabaye
umuhinyanyuzi aranakina mu rukurikirane rw’ireresi Nicki avuga ku buzima bwiwe i Queens muri New York.
Umuziki umwinjiriza amafranga menshi
Nicki Minaj mu buzima busanzwe
Mubo bakundanye
harimwo umuhinyanyuzi n’umuraperi Safaree Samuels,umuraperi Meek Mill(2015-2016)
n’umuraperi Nas(2017-2018).Safaree Samuels bakundanye imyaka 12 batandukana
muri 2014.Minaj avuga ko Samuels yari yamusavye ko bakora ubukwe aranka.Indirimbo
nyinshi zo muri album ya The Pinkprint
yazikuye kuri iri tandukana.Samuels nawe yarakoze indirimbo ijanye n’ukwo
gutandukana.
Meek Mill na Nicki Minaj
Meek Mill na Minaj bicaye hafi ya Rihanna muri BET Awards 2015
Nicki minaj na Safaree Samuels
Yarakundanye kandi na Nas
Lil Wayne na Drake bari mu bagenzi biwe
bakomeye ariko ubugenzi bwiwe na Drake bwaragabanutse igihe Minaj yakundana na
Meek Meel kuko Meek Mill na Drake batacana uwaka.Minaj avuga kw’akiri muto yigeze
gukorora inda,akaba abivuga mu ndirimbo yiwe Autobiography na All Things
Go.Muri mukakaro mu 2011,muvyara wiwe Nicholas Telemaque yarishwe hanyuma Minaj
arababara cane mbere aramuvuga muri zimwe mu ndirimbo ziwe.
Minaj kandi
arakora ibikorwa vy’ugufasha nk’aho mu 2012 yatanze ama dorari 15000 mu gufasha
abatewe ingorane n’igihuhusi Sandy.Minaj
avuga kw’ari umukirisu ngo kuva aho se agiriye kwa muganga kwivuza uburwayi yatewe
n’ibiyayura mutwe asigaye aja gusenga.Mubo Nicki Minaj yagiranye ukutumvikana(beef)
harimwo nk’abarappeuse nka Lil Kim;Remy Ma,Cardi B,n’abaririmvyikazi nka Mariah
Carey,Miley Cyrus,Taylor Swift n’umuraperi Travis Scott.Minaj kandi azwi mu
baririmvyikazi bakunda kutikwiza mu nyambaro zabo n’ukuvuga amajambo ateye
isoni mu ndirimbo ziwe bigatuma bamwe bibaza ic’aba ashaka gushikako abandi
bakibaza kw’atoba ari muri bamwe baryamana n’abo bahuje igitsina.Ariko n’aho
biri uko Minaj avuga yuko atigeze kandi atarota aryamana n’abo bahuje igitsina.
Benshi
mubamukurikirana baravuga ko yibagishije ikibuno,amabere no mu maso
bagereranije uko yari ateye muri kahise n’uko ateye ubu ariko we arabihakana
akavuga ko atigeze yibagisha kugira ngo aboneke nk’uko abishaka,avuga
kw’ababimwagiriza bibaraba.
N'umugenzi akomeye wa Drake na Lil Wayne
Ari kumwe na Lil Wayne
yagiranye beef na benshi
Ngo s'umu lesbienne na gato
Avuga ko atiyigeze yibagisha na mba
Raba indirimbo All eyes on you yakoranye na Meek Mill na Chris Brown
0 Commentaires