Onika Tanya Maraj (Nicki Minaj) ni nde ?



Amazina yiwe y’ukuri ni Onika Tanya Maraj yavukiye  mu gace ka Saint James mu gisagara ca Port Espagne mu gihugu ca Trinidad & Tobago itariki 8 kigarama 1982 n’umu rappeuse,umwanditsi w’indirimbo,umunyamideri n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika kazi akomoka mu gihugu ca Trinidad & Tobago.
Ubuto bwiwe
Abavyeyi biwe ni Carol na Robert Maraj bakaba bakora mu kigo bita American Express igihe bamuvyara.Nyina wiwe akomoka muri Trinidad&Tobago,se nawe akomoka mu gihugu c’ubuhinde.Minaj n’umuhererezi mu muryango urimwo abana 3.Afise bakuru biwe 2 b’abahungu ari bo Micaiah Maraj na Jelani Maraj mbere arakunda kubavuga mu ndirimbo ziwe nka I’m the Best iri kuri album yiwe ya mbere Pink Friday.Akiri i Saint James,yabana na nyokuru wiwe,nyina wiwe yaza kumuramutsa rimwe rimwe.Igihe yari afise imyaka itanu nyina wiwe yaramutwaye  muri Leta zunze ubumwe za Amerika muri Leta ya New York mu gace ka Queens.Nk’uko Minaj abivuga,se wiwe ngo yari imborerwa n’umunywarumogi ,yarakunda kubakubita hamwe na nyina na basaza biwe mbere umunsi umwe yaragerageje kwica nyina wiwe mu guturira inzu.Akiri muto yarize gukoresha igikoresho c’umuziki bita clarinette yarize kandi ibijanye n’amareresi kw’ishure ryisumbuye  rya LaGuardia High School batazira The Fame School riherereye mu gace ka Manhattan muri New York aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’amareresi.Mu 2001 yarakinye muri théâtre yitwa In Case You Forget  ariko mu nyuma yaciye ashira ku ruhande ibijanye n’ugukina amareresi aca aja kuba umu serveuse mu buriro bwa Red Lobster buherereye mu gace ka Bronx.Ku myaka 19 ubwo buriro bwaramwirukanye kubera kudafata neza abakiriya .Yarakoze kandi muri Wall Street.Mu nyuma yaciye afata ingingo y’ukuja mu muziki nk’umu rappeuse aca ahagarika ubundi buzi.

Minaj agifise imyaka 17

Abavyeyi biwe

Ari kumwe na nyina muri BET Awards

Nicki Minaj na se

Ari kumwe na mukuru wiwe Jelani Maraj

Minaj mu muziki nyezina
Nicki Minaj yatanguriye umuziki muri Hot 97 na DJ Kay,mu 2002 uwitwa Fendi yaramenye impano ya Nicki Minaj biciye k’urubuga rwa Myspace,aca amusinyisha muri label yiwe ya Dirty Money.Muri iyo myaka kandi Minaj yarakoranye n’ishirahamwe ry’imikino yo kurwana  ryo muri Leta zunze ubumwe za Amerika WWE mu gukora indirimbo Lady to mess with yakoreshwa n’umurwanyi Victoria.Yarabonetse kandi mu rukurikirane rw’indirimbo The Carter Edition of Young Money mu ndirimbo The Come Up aho yaciye ahamagarwa na Lil wayne bakorana ku ndirimbo zitandukanye.Hagati ya 2007 na 2009 yarasohoye ama mixtapes 3 ariyo Play time is over(2007) ;Sucka Free(2008) yatumye amenyekana cane, na Beam me Up Scotty yaguzwe bitangaje n’umuriyoni w’abantu muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Mu 2009 Nicki Minaj yasinye muri Label ya Young Money Entertainment ico gihe yarimwo abaririmvyi nka Lil Wayne,Drake,Tyga,Birdman n’abandi.Muri munyonyo mu 2010 yasohoye album yiwe ya mbere Pink Friday  .Iyo album yarakunzwe cane n’abantu mbere mu ndwi yayo ya mbere yaguzwe n’abantu 37500,iba iya mbere ku rutonde rwa Billboard 200,inahabwa agashimwe ka Disque de Platine na RIAA(Recording Industry Association of America) ukwezi guheze isohotse,yariko indirimbo nka Your Love, Right Thru me,Super Bass n’izindi.Ico gihe yanabaye kandi umuririmvyi kazi wa mbere agize indirimbo ndwi mu rutnde rwa Billboard Hot 100.
Album yiwe ya kabiri yasohotse mu 2012 yitwa Pink Friday :Roman Reloaded,nayo yabaye iya mbere ku rutonde,indirimbo Starships iba iya 5 ku rutonde rwa Billboard Hot 100.Album yiwe ya 3 yitwa The Pinkprint ikaba yasohotse mu 2014 ibanzirizwa n’ugusohoka kw’indirimbo Anaconda yabaye iya 2 k’urutonde rwa Hot 100 ica iba indirimbo yiwe yafashe ikibanza ciza muri Leta zunze ubumwe za Amerika.Album yiwe ya 4 ni Queen,yasohotse mu 2018 hanyuma indirimbo Chun-Li yabaye iya 10 k’urutonde  ica iba indirimbo yiwe ya 16 igiye mu rutonde rw’indirimbo 10 cumi zikunzwe muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Minaj yarakinye muma reresi nka L’age de glace mu 2012,Triple Alliance mu 2014,no muri Barbershop :The Next Cut mu 2016.Mu 2013 yarabaye umukemura mpaka mu rukurikirane rwa 12 rwa American Idols.

Minaj muri American Idols

Mu 2013,Nicki Minaj,Beyonce na Michelle Obama barakiriwe nk’abagore bavuga rikumvwa n’ikinyamakuru New York Times.Muri ndamukiza mu 2017 Nicki Minaj yarabaye umuririmvyi w’umwigeme yashizwe kenshi mu rutonde rwa Billboard Hot 100 aca arusha uwaruhorako Aretha Flanklin.N’umuririmvyi wa kane afise indirimbo nyinshi zinjiye muri urwo rutonde.Mu bijanye n’ubushimwe,yararonse agashimwe ka Underground Music Awards ;ak’umuririmvyi mushasha mwiza yahawe na Billboard,afise ubushimwe 4 bwa American Music Award; 8 bwa BET Awards;2 bwa MTV Music Awards;2 bwa MTV Europe Music Awards;5 bwa Billboard Music Awards n’ubundi bwinshi bwa ASCAP na BMI Awards iha ubushimwe abazi kwandika indirimbo.Yarahawe agashimwe k’umwanditsi w’indirimbo mwiza w’umwaka mu 2013.Mu buzima bwiwe,Nicki Minaj yaronse ubushimwe burenga 93 aca aba umu rappeuse wa mbere aronse ubushimwe bwinshi imbere ya Missy Elliot.
Minaj ateruye agashimwe ka American Music Awards

Minaj kuri Tapis rouge mu birori vya AMA's

Mu 2018 ubutunzi bwa Nicki Minaj bwaharurwa mu miriyoni 122,5 z’ama dorari bituma aba umu rappeuse wambere yashizwe n’ikinyamakuru Forbes k’urutonde rwa Hip Hop Cash Kings.Nicki Minaj canke umwamikazi wa Rap nk’uko benshi bamwita n’umwe muba rappeuse bagurishije indirimbo n’ama albums menshi kw’isi harimwo izirenga 100 yagurishije muri Leta zunze ubumwe za Amerika.Mu 2012 mu gihe hariko haba imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe za Amerika,Minaj yarerekanye kw’ashigikiye Barack Obama.Mu ntango za 2016,Minaj yarabaye umuhinyanyuzi aranakina mu rukurikirane rw’ireresi Nicki avuga ku buzima bwiwe i Queens muri New York.

Umuziki umwinjiriza amafranga menshi

Nicki Minaj mu buzima busanzwe

Mubo bakundanye harimwo umuhinyanyuzi n’umuraperi Safaree Samuels,umuraperi Meek Mill(2015-2016) n’umuraperi Nas(2017-2018).Safaree Samuels bakundanye imyaka 12 batandukana muri 2014.Minaj avuga ko Samuels yari yamusavye ko bakora ubukwe aranka.Indirimbo nyinshi zo muri album ya The Pinkprint yazikuye kuri iri tandukana.Samuels nawe yarakoze indirimbo ijanye n’ukwo gutandukana.

Meek Mill na Nicki Minaj

Meek Mill na Minaj bicaye hafi ya Rihanna muri BET Awards 2015

Nicki minaj na Safaree Samuels

Yarakundanye kandi na Nas

 Lil Wayne na Drake bari mu bagenzi biwe bakomeye ariko ubugenzi bwiwe na Drake bwaragabanutse igihe Minaj yakundana na Meek Meel kuko Meek Mill na Drake batacana uwaka.Minaj avuga kw’akiri muto yigeze gukorora inda,akaba abivuga mu ndirimbo yiwe Autobiography na All Things Go.Muri mukakaro mu 2011,muvyara wiwe Nicholas Telemaque yarishwe hanyuma Minaj arababara cane mbere aramuvuga muri zimwe mu ndirimbo ziwe.
Minaj kandi arakora ibikorwa vy’ugufasha nk’aho mu 2012 yatanze ama dorari 15000 mu gufasha abatewe ingorane n’igihuhusi Sandy.Minaj avuga kw’ari umukirisu ngo kuva aho se agiriye kwa muganga kwivuza uburwayi yatewe n’ibiyayura mutwe asigaye aja gusenga.Mubo Nicki Minaj yagiranye ukutumvikana(beef) harimwo nk’abarappeuse nka Lil Kim;Remy Ma,Cardi B,n’abaririmvyikazi nka Mariah Carey,Miley Cyrus,Taylor Swift n’umuraperi Travis Scott.Minaj kandi azwi mu baririmvyikazi bakunda kutikwiza mu nyambaro zabo n’ukuvuga amajambo ateye isoni mu ndirimbo ziwe bigatuma bamwe bibaza ic’aba ashaka gushikako abandi bakibaza kw’atoba ari muri bamwe baryamana n’abo bahuje igitsina.Ariko n’aho biri uko Minaj avuga yuko atigeze kandi atarota aryamana n’abo bahuje igitsina.
Benshi mubamukurikirana baravuga ko yibagishije ikibuno,amabere no mu maso bagereranije uko yari ateye muri kahise n’uko ateye ubu ariko we arabihakana akavuga ko atigeze yibagisha kugira ngo aboneke nk’uko abishaka,avuga kw’ababimwagiriza bibaraba.

 N'umugenzi akomeye wa Drake na Lil Wayne

Ari kumwe na Lil Wayne

yagiranye beef na benshi


Ngo s'umu lesbienne na gato


 
Avuga ko atiyigeze yibagisha na mba

Raba indirimbo All eyes on you yakoranye na Meek Mill na Chris Brown



Enregistrer un commentaire

0 Commentaires