Mu gihe umurwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu
Rugamba uriko uritegura gukina inkino z’igikombe ca Afrika CAN no mu ntumbero z’ukubandanya tubashikiriza bimwe mu
vyaranze ico gikombe , uno munsi tukaba twahisemwo kubashikiriza abakinyi
batsinze ibitsindo vyinshi muri rusangi muri izo nkino.
1.Samuel Eto’o afise ibitsindo 18
Samuel Eto’o n’umukinyi akomeye yakiniye umurwi wa
Cameroun no mumirwi ikomeye itandukanye ku mugabane wa buraya nka FC Barcelona ;
Inter de Milan ; Chelsea n’iyindi . Akaba ariwe mukinyi yatsinze ibitsindo
vyinshi mu gikombe ca CAN kuko yatsinze 18 mu nkino zose yakinye.
Eto'o yaranabaye Capitaine wa Cameroun
2. Laurent
Pokou yatsinze ibitsindo 14
Laurent
Pokou yari umukinyi w’umunya Cote d’Ivoire yakina ku ruhande rw’abasatirizi.Akaba
yakinye mu myaka ya za 60 na za 70.Niwe aza ku mwanya wa kabiri mu batsinze
ibitsindo vyinshi mu mahiganwa ya CAN kuko yatsinze 14.Yatsinze ibitsindo 6
muri CAN ya 1968 yongera atsinda ibitsindo 8 muri CAN 1970.Pokou akaba yarabaye
umumenyereza.Yitavye Imana mu 2016 afise imyaka 69.
Pokou ariko akinira Stade Rennais yo mubufaransa
3.Rashidi
Yekini yatsinze ibitsindo 13
Rashidi
Yekini yari umukinyi w’umusatirizi w’umunya Nigeria yari akomeye mu myaka ya za
90 kuko yabaye umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi muri CAN 1992 aho yatsinze
ibitsindo 4, no muri CAN 1994 aho yatsinze ibitsindo 5.Muri rusangi yatsinze
ibitsindo 13 muri ayo marushanwa ya CAN.Akaba yaritavye Imana mu 2012 afise
imyaka 48 .
Yekini bamwe bavuga ko yitavye Imana akiri muto
4.Hassan El-Shazly yatsinze ibitsindo 12
El-Shazly yari umukinyi asatira w’umunya Misiri,akaba
yari akomeye mu myaka ya za 60 mbere ni we yatsinze ibitsindo vyinshi muri CAN
1963.Ibitsindo vyose hamwe yatsinze muri CAN ni 12.Akaba yaritavye Imana mu
2015 afise imyaka 72.
Hassan El-Shazly
5.Patrick Mboma,Didier Drogba na Hossam Hassan bafise
11
Patrick Mboma yari umusatirizi w’umunya Cameroun yari
akomeye mu myaka ya za 90 no mu 2000 akaba yarabaye mu batsinze ibitsindo
vyinshi muri CAN 2002(3) na CAN 2004(4).Ubu akaba asesengura umupira w’amaguru
ku mboneshakure ya Canal plus.
Patrick Mboma
Mboma akora kuri Canal+
Didier Drogba nawe yari umusatirizi w’umunya Cote d’Ivoire yari akomeye mu myaka iheruka
akaba yari mu batsinze ibitsindo vyinshi muri CAN 2012.
Didier Drogba
Hossam Hassan yari umusatirizi w’umunya Misiri yari
akomeye mu myaka ya za 90.Yari umwe mu binjije ibitsindo vyinshi muri CAN 1998
aho yatsinze 7.
Hossam Hassan
Abandi batsinze ibitsindo vyinshi
Umunya Cote d’Ivoire Joel Tiehi, umunya Tunisie
akomoka muri Bresil Francileudo Santos,umuzayirwa Pierre Ndaye Mulamba n’umunya
Zambiya Kalusha Bwalya batsinze ibitsindo cumi
Umunya Angola Manucho,Umunya Cote d’Ivoire Abdoulaye
Traore n’umunya Ethiopie Mengistu Worku batsinze ibitsindo icenda.
Abanya Misiri Taher Abouzaid na Ahmed Hassan,umunya
Guinnee Pascal Feindouno n’umunya Mali Seydou Keita batsinze ibitsindo umunani.
Umunya Afrika y’Epfo Beni McCarthy,umunya Angola
Flavio Amado,umunya Misiri Ali Abo Greisha,umunya Ghana Assamoah Gyan,umunya
Ghana Osei Kofi,umunya Mali Frederic Kanoute,umunya Nigeria Jay-Jay Okocha n’umunya
Zambia Chris Katongo bafise ibitsindo indwi.
Abafise ibitsindo bitandatu ni Lakhdar Belloumi wa
Algerie ;Shoun Bartlett wa Afrika y’epfo;Roger Milla wa Cameroun;Jean
Michel Mbono wa Congo Brazza;Mohamed Aboutrika wa Misiri;Luciano Vassalo wa
Ethiopie; George Alhassan wa Ghana;Wilberforce Mfum wa Ghana ;Abedi Pele wa
Ghana;Ahmed Faras wa Maroc;Segun Odegbami wa Nigeria Mayanga Maku wa Zaire na
Djkasa wa Soudan.
Mwomenya k’umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa
rimwe rya CAN ari umunya Zaire Pierre Ndaye Mulamba aho muri CAN 1974 yashoboye
gutsinda wenyene ibitsindo 9.Ivyo akaba ata wundi mukinyi arabigira muri CAN.
Tukaba rero twipfurije Intamba mu Rugamba kuzokwitwara
neza muri CAN mbere tukanaronka n’abakinyi batsinda ibitsindo vyinshi muri iryo
higanwa.
0 Commentaires