Sakubu Hassan batazira DJ Bisoso n’umu DJ w’umurundi arangurira imirimo yiwe mu gihugu kibanyi c’urwanda.N’umwe muba DJ bemewe cane kandi bakunzwe mur’ico gihugu kuko akunda gutumirwa ngw’avange imiziki ahantu henshi hatandukanye kandi hakomeye,haba mu gihugu c’urwanda,mu Burundi canke mu bindi bihugu mbere arakunda kuvuza mu biteramo bimwe bimwe bikomeye mu gihugu c’urwanda n’ahandi kandi bimwinjiriza amafranga menshi.
Yavukiye mu ntara ya Gitega hagati mu gihugu c’uburundi.Avuga ko akiri muto yakubagana cane kandi agakunda umuziki cane kuko yakunda kuba ari mu ma studios aho bakunda gufata(enregistrer) ibintu bakoresheje cassettes.Ivyo vyatumye akunda umuziki kurusha aca anamenya vyinshi ku bijanye nawo.Ageze mu mashure yisumbuye yaravugiriza abanyeshure bagenzi biwe mbere harageze n’igihe atangura kuvugiriza abigisha.Ahejeje icicaro rusangi (cycle inferieur) c’amashure yisumbuye baramurungitse kwiga i Ngozi mu gisata ca électronique mu 2000 ,agezeyo ubuzima bwabaye nk’ubumugora kuko yari na kure y’iwabo aca afata ingingo y’ukuraba ukuntu yorondera amafranga .Mu myuga imwe imwe yari azi nk’ukumwa,gushona ibirato n’ukuvuza umuziki, yasanze uwomwinjiriza amafranga aboneka ari ukuvuza umuziki.Yaciye aronka akazi mu butambiro bumwe bwo mu gisagara ca Ngozi aho yakora mu minsi y’akaruhuko irangiza indwi(week-end) iyindi minsi isanzwe akaja kw’ishure.Amaze kubona kw’amafranga yinjiza yikuvye kabiri ay’abigisha bahembwa yaciye abona umenga nta kamaro k’ukubandanya ishure,aca araheba kwiga n’aho sewabo yamuteye ubwoba amubwira kw’azomufungisha n’atasubira kw’ishure. Mu mpera z’umwaka w’2003 yagiye kurondera ubuzima mu gihugu c’urwanda i Kigali asangayo mwenewabo yari asanzwe ahaba.Amaze kubona ko bigoye kuronka akazi i Kigali kuko hari ubutambiro bubiri gusa yahisemwo kuja kugerageza i Butare akaba yamaze amezi atatu avugiriza muri iyo ntara ahantu bita
«kora akamodoka» canke «
kukamodoka» hanyuma aca abandaniriza mu gisagara ca Kigali mu butambiro bwitwa
«la planète»,amaze kubona ko ariko arunguka aca afata ingingo y’ukuguma mu Rwanda n’ubu akaba ariyo aba.DJ Bisoso w’imyaka 39 muri ico gihugu yarakoreye mu butambiro butandukanye nka
Horizon Garden ,
La classe n’ahandi,akaba kandi akunda gutumirwa mu biteramo bitandukanye bizwi cane nk’icitwa
Primus guma guma superstar ,East African Party,Primusic(Burundi),
Rwanda night(Uganda)n’ibindi,kandi yaravugirije i Dar es salaam,Dubai n’ahandi .Yaravugije kuri radio yitwa Contact FM no kuri télévision y’urwanda (RTV) akinakorako kugeza ubu.
Hambavu y’ukuba DJ(Disc Jockey) ni VJ(Video Jockey) aho ubwo buhinga abukoresha kuri télévision canke ahandi hantu bimusaba kuvuza yerekana amasanamu.Bamwe mu banyarwanda bamuzi ntibatinya kuvuga kw’ari we mu DJ wambere bafise.Bisoso avuga ko kwizerwa no gukundwa n’abantu abikesha umwete,ukwiyubaha,ukwicisha bugufi n’ubushingantahe akorana akazi.Avuga ko igihe cose yama ariko ariga bishasha kugira atere imbere gusumba kandi akaba aheruka kwinjiza mu mwuga muvyara wiwe w’umwigeme kandi w’umurundikazi yitwa Iradukunda Divine batazira DJ Ira yamusanze mu Rwanda kuva mu 2015 kandi nawe ubu akaba ariko arabica bigacika mu Rwanda.
Bisoso ntanywa inzoga, akaba ari umugabo yubatse afise abana batatu,avuga kw’abana biwe ariwe abimwera kuko azi kumwa kuva akiri umwana yavyigishijwe na se wiwe yari kimyozi(coiffeur).Aripfuza k’umwe mu bana biwe yoba umu DJ .Akunda gutwenza,kandi ntarya umunwa nk’uko bikunda kwibonekeza mu biganiro atanga .Akoresha ivyuma bigezweho kuko ngo n’igihe haje abaririmvyi bakomakomeye bo hanze aba DJ babo barakunda kwifashisha ivyuma vyiwe. Kuri we ngw’imwe mu ngeso zikunda gutuma aba DJ bakiri bato badatera imbere n’ukwama bashaka kuba aba stars cane kuruta gukora akazi neza.Ng’ukwo gushaka kuba ibihangange bituma baca basesagura,bakaja no mu ngeso mbi umwuga wabo ugaca usubira inyuma.Ku bijanye n’amashure yigisha ivy’ubu DJ we abona ko umunyeshure yari akwiye kuyajamwo mu gihe abifitiye urukundo(passion) ahandi ho kwoba ari uguta umwanya.N’aho atize cane ngo ntashobora kwemerera kwigisha umu jeune ataramara amashure.
0 Commentaires