Ubuzima(amateka) bwa DJ Bisoso


Sakubu Hassan batazira DJ Bisoso n’umu DJ w’umurundi arangurira imirimo yiwe mu gihugu kibanyi c’urwanda.N’umwe muba DJ bemewe cane kandi bakunzwe  mur’ico gihugu kuko akunda gutumirwa ngw’avange imiziki ahantu henshi hatandukanye kandi hakomeye,haba mu gihugu c’urwanda,mu Burundi canke mu bindi bihugu mbere arakunda  kuvuza mu biteramo bimwe bimwe bikomeye mu gihugu c’urwanda n’ahandi kandi bimwinjiriza amafranga menshi.
Bisoso ni DJ kuva akiri muto cane
Yavukiye mu ntara ya Gitega hagati mu gihugu c’uburundi.Avuga ko akiri muto yakubagana cane kandi agakunda umuziki cane kuko yakunda kuba ari mu ma studios aho bakunda gufata(enregistrer) ibintu bakoresheje cassettes.Ivyo vyatumye akunda umuziki kurusha  aca anamenya vyinshi ku bijanye nawo.Ageze mu mashure yisumbuye yaravugiriza abanyeshure bagenzi biwe mbere harageze n’igihe atangura kuvugiriza abigisha.Ahejeje icicaro rusangi (cycle inferieur) c’amashure yisumbuye baramurungitse kwiga i Ngozi mu gisata ca électronique mu 2000 ,agezeyo ubuzima bwabaye nk’ubumugora kuko yari na kure y’iwabo  aca afata ingingo y’ukuraba ukuntu yorondera amafranga .Mu myuga imwe imwe yari azi nk’ukumwa,gushona ibirato n’ukuvuza umuziki, yasanze uwomwinjiriza amafranga aboneka ari ukuvuza umuziki.Yaciye aronka akazi mu butambiro bumwe bwo mu gisagara ca Ngozi aho yakora mu minsi y’akaruhuko irangiza indwi(week-end) iyindi minsi isanzwe akaja kw’ishure.Amaze kubona kw’amafranga yinjiza yikuvye kabiri ay’abigisha bahembwa yaciye abona umenga nta kamaro k’ukubandanya ishure,aca araheba kwiga n’aho sewabo yamuteye ubwoba amubwira kw’azomufungisha n’atasubira kw’ishure. Mu mpera z’umwaka w’2003 yagiye kurondera ubuzima mu gihugu c’urwanda i Kigali  asangayo mwenewabo yari asanzwe ahaba.Amaze kubona ko bigoye kuronka akazi i Kigali kuko hari ubutambiro bubiri gusa yahisemwo kuja kugerageza i Butare akaba yamaze amezi atatu avugiriza muri iyo ntara ahantu bita «kora akamodoka» canke «kukamodoka» hanyuma aca abandaniriza mu gisagara ca Kigali mu butambiro bwitwa «la planète»,amaze kubona ko ariko arunguka aca afata ingingo y’ukuguma mu Rwanda n’ubu akaba ariyo aba.DJ Bisoso w’imyaka 39  muri ico gihugu yarakoreye mu butambiro butandukanye nka Horizon Garden ,La classe n’ahandi,akaba kandi akunda gutumirwa  mu biteramo bitandukanye bizwi cane nk’icitwa Primus guma guma superstar ,East African Party,Primusic(Burundi),Rwanda night(Uganda)n’ibindi,kandi yaravugirije i Dar es salaam,Dubai n’ahandi .Yaravugije kuri radio yitwa Contact FM no kuri télévision y’urwanda (RTV) akinakorako kugeza ubu.
Bisoso akunda kuba afise akanyamuneza
Hambavu y’ukuba DJ(Disc Jockey) ni VJ(Video Jockey) aho ubwo buhinga abukoresha kuri télévision canke ahandi hantu bimusaba kuvuza yerekana amasanamu.Bamwe mu banyarwanda bamuzi ntibatinya kuvuga kw’ari we mu DJ wambere bafise.Bisoso avuga ko kwizerwa no gukundwa n’abantu abikesha umwete,ukwiyubaha,ukwicisha bugufi n’ubushingantahe akorana akazi.Avuga ko igihe cose yama ariko ariga bishasha kugira atere imbere gusumba kandi akaba aheruka kwinjiza mu mwuga muvyara wiwe w’umwigeme kandi w’umurundikazi yitwa Iradukunda Divine batazira DJ Ira yamusanze mu Rwanda kuva mu 2015 kandi nawe ubu akaba ariko arabica bigacika mu Rwanda.
Bisoso hamwe na DJ Ira
Bisoso ntanywa inzoga, akaba ari umugabo yubatse afise abana batatu,avuga kw’abana biwe ariwe abimwera kuko azi kumwa kuva akiri umwana yavyigishijwe na se wiwe yari kimyozi(coiffeur).Aripfuza k’umwe mu bana biwe yoba umu DJ .Akunda gutwenza,kandi ntarya umunwa nk’uko bikunda kwibonekeza mu biganiro atanga .Akoresha ivyuma bigezweho kuko ngo n’igihe haje abaririmvyi bakomakomeye bo hanze aba DJ babo barakunda kwifashisha ivyuma vyiwe. Kuri we ngw’imwe mu ngeso zikunda gutuma aba DJ bakiri bato badatera imbere n’ukwama bashaka kuba aba stars cane kuruta gukora akazi neza.Ng’ukwo gushaka kuba ibihangange bituma baca basesagura,bakaja no mu ngeso mbi umwuga wabo ugaca usubira inyuma.Ku bijanye n’amashure yigisha ivy’ubu  DJ we abona ko umunyeshure yari akwiye kuyajamwo mu gihe abifitiye urukundo(passion) ahandi ho kwoba ari uguta umwanya.N’aho atize cane ngo ntashobora kwemerera kwigisha umu jeune ataramara amashure.
DJ Bisoso yarahawe ubushimwe butandukanye
DJ Bisoso kuri RTV mu kiganiro The jam
DJ Bisoso akoresha ivyuma bigezweho
DJ Bisoso ari kumwe na AY wo muri Tanzania
Bisoso mu kazi
Bisoso yarigeze kunyagirwa n'ivyuma vyiwe ahomba 4.000.000 rwf
Bisoso na muvyara wiwe DJ Ira
Bisoso hamwe n'umumenyeshamakuru Pendo Anitha bakoranye mu kiganiro The Jam
DJ Ira na Bisoso muri Primus Guma Guma Superstar
Yipfuza kuzoba DJ ubuzima bwiwe bwose

DJ Bisoso imbere ya Knowless na Dream Boyz

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires