Tottenham nayo igiye kuri final ivuye kure!


Tottenham  yo mu Bwongereza ibifashijwemwo cane na Lucas Moura yaraye nayo ironse itike y’ukuzokina urukino rwa nyuma rwa Ligue des Champions inyuma yo gutsinda umurwi wa Ajax Amsterdam wo muri Hollande ibitsindo 3 kuri 2 mu buryo butangaje kuko igitsindo cawuhesheje ubwo burenganzira cabonetse mu misegonga  ya nyuma y’urukino.

Urwo rwari urukino rwo gusubiriza rwabereye I Amsterdam  ku kibuga ca Ajax citwa Johan Cruyff Arena ,urwa mbere rwari rwabereye I Londres mu Bwongereza ku kibuga ca Tottenham aho rwari rwarangiye Ajax itsinze Tottenham igitsindo 1 ku 0.N’aho imirwi yose yari ifise amahirwe yo kubandanya,imbere y’urukino abasesenguzi bamwe bamwe baha amahirwe umurwi wa Ajax kubera wari watsinze urukino rwa mbere,ufise igitsindo hanze kandi urukino rw’ugusubiriza rubera iwabo imbere y’abafana babo.Ariko inyuma y’ukubona ivyabaye ku rukino rwarubanjirije hagati ya Liverpool na Barcelona bamwe birinze kugira ico bavuga.

Urukino rwatanguye bose bagerageza gusatirana ariko ku munota wa 5 gusa umurwi wa Ajax Amsterdam watsinze igitsindo ca mbere gitsinzwe na Matthijs de Ligt.N’aho ibintu vyari bisa n’ibikomeranye Tottenham,uwo murwi ntiwacitse intege wagerageje gusatira mbere ku munota wa 6 Heung-min Son yateye umupira ku mutambiko w’igori.Umurwi wa Ajax nk’uko biwumenyereweko,wagerageje gukina ata bwoba.Ku munota wa 35 kuri contre-attaque,Tadic wa Ajax yahaye umupira Ziyech aca awuterana inguvu mw’igori  igitsindo ca kabiri ca Ajax kiba kirinjiye.Aho bamwe baciye batangura kwemera ko Tottenham itashe kuko utaranije inkino zose vyari bimaze kuba 3 vya Ajax ku 0 bwa Tottenham.Igice ca mbere caheze ari 2 ku 0.

De Ligt niwe yatsindiye Ajax ica mbere

Umunya Maroc Ziyech yatsindiye Ajax ica kabiri 

Mu gice ca kabiri umurwi wa Tottenham wabandanije kwitanga n’aho utari worohewe,mbere Alli yahushije igitsindo ku munota wa 53 hanyuma ku munota wa 55 umunya Brazil Lucas Moura yatsindiye igitsindo ca mbere Tottenham,haheze iminota 4 gusa aca atsinda ica kabiri,Tottenham ica itangura kubona ko bishoboka nayo abakinyi ba Ajax batangura kugira ubwoba.Ziyech wa Ajax yahushije ibitstindo ku munota wa 63 na 79 aho umupira wakubise ku mutambiko.Tottenham nayo yabandanije igerageza ariko umunya Cameroun Onana umunyegori wa Ajax avyifatamwo neza.Urukino rwabandanije,babongera iminota itanu y’ugukina,umunota wanyuma uragera bamwe bamaze kwizera ko Ajax ibandanije vyaheze,mu gihe iyo minota y’inyongera iriko irahera mu misegonda ya nyuma, wa mukinyi Lucas Moura aca atsinda igitsindo ca gatatu ca Tottenham.Abakinyi ba Ajax bamera nk’abakubiswe n’inkuba bamwe baryama hasi nayo aba Tottenham baja mu bicu.Urukino rwaheze ukwo ari 3 vya Tottenham kuri 2 vya Ajax ,uteranije inkino zose bica biba 3 kuri 3 ariko kuko Tottenham yatsindiye hanze ibitsindo vyinshi ica irabandanya.

Lucas Moura yakuye ahakomeye Tottenham

Ryari ijoro ridasanzwe kuri Moura

Abakinyi ba Ajax babaye nk'abakubiswe n'inkuba

Vyabagoye kwakira ibibashikiye

N’ubwa mbere Tottenham igiye ku rukino rwa nyuma rwa Champions Ligue.Inyuma y’ imyaka 11, imirwi iva mu Bwongereza irasubiriye guhurira ku rukino rwa nyuma rw’iryo rushawa kuko urwaheruka rwabaye mu 2008 aho rwahuje Manchester United na Chelsea ,Manchester ica iragitwara.

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires