Tottenham yo mu Bwongereza ibifashijwemwo cane na Lucas
Moura yaraye nayo ironse itike y’ukuzokina urukino rwa nyuma rwa Ligue des
Champions inyuma yo gutsinda umurwi wa Ajax Amsterdam wo muri Hollande
ibitsindo 3 kuri 2 mu buryo butangaje kuko igitsindo cawuhesheje ubwo burenganzira
cabonetse mu misegonga ya nyuma y’urukino.
Urwo rwari
urukino rwo gusubiriza rwabereye I Amsterdam ku kibuga ca Ajax citwa Johan Cruyff Arena ,urwa
mbere rwari rwabereye I Londres mu Bwongereza ku kibuga ca Tottenham aho rwari
rwarangiye Ajax itsinze Tottenham igitsindo 1 ku 0.N’aho imirwi yose yari ifise
amahirwe yo kubandanya,imbere y’urukino abasesenguzi bamwe bamwe baha amahirwe
umurwi wa Ajax kubera wari watsinze urukino rwa mbere,ufise igitsindo hanze
kandi urukino rw’ugusubiriza rubera iwabo imbere y’abafana babo.Ariko inyuma y’ukubona
ivyabaye ku rukino rwarubanjirije hagati ya Liverpool na Barcelona bamwe
birinze kugira ico bavuga.
Urukino
rwatanguye bose bagerageza gusatirana ariko ku munota wa 5 gusa umurwi wa Ajax
Amsterdam watsinze igitsindo ca mbere gitsinzwe na Matthijs de Ligt.N’aho
ibintu vyari bisa n’ibikomeranye Tottenham,uwo murwi ntiwacitse intege wagerageje
gusatira mbere ku munota wa 6 Heung-min Son yateye umupira ku mutambiko w’igori.Umurwi
wa Ajax nk’uko biwumenyereweko,wagerageje gukina ata bwoba.Ku munota wa 35 kuri
contre-attaque,Tadic wa Ajax yahaye umupira Ziyech aca awuterana inguvu mw’igori
igitsindo ca kabiri ca Ajax kiba
kirinjiye.Aho bamwe baciye batangura kwemera ko Tottenham itashe kuko utaranije
inkino zose vyari bimaze kuba 3 vya Ajax ku 0 bwa Tottenham.Igice ca mbere
caheze ari 2 ku 0.
De Ligt niwe yatsindiye Ajax ica mbere
Umunya Maroc Ziyech yatsindiye Ajax ica kabiri
Mu gice ca
kabiri umurwi wa Tottenham wabandanije kwitanga n’aho utari worohewe,mbere Alli
yahushije igitsindo ku munota wa 53 hanyuma ku munota wa 55 umunya Brazil Lucas
Moura yatsindiye igitsindo ca mbere Tottenham,haheze iminota 4 gusa aca atsinda
ica kabiri,Tottenham ica itangura kubona ko bishoboka nayo abakinyi ba Ajax
batangura kugira ubwoba.Ziyech wa Ajax yahushije ibitstindo ku munota wa 63 na
79 aho umupira wakubise ku mutambiko.Tottenham nayo yabandanije igerageza ariko
umunya Cameroun Onana umunyegori wa Ajax avyifatamwo neza.Urukino
rwabandanije,babongera iminota itanu y’ugukina,umunota wanyuma uragera bamwe
bamaze kwizera ko Ajax ibandanije vyaheze,mu gihe iyo minota y’inyongera iriko
irahera mu misegonda ya nyuma, wa mukinyi Lucas Moura aca atsinda igitsindo ca
gatatu ca Tottenham.Abakinyi ba Ajax bamera nk’abakubiswe n’inkuba bamwe
baryama hasi nayo aba Tottenham baja mu bicu.Urukino rwaheze ukwo ari 3 vya
Tottenham kuri 2 vya Ajax ,uteranije inkino zose bica biba 3 kuri 3 ariko kuko
Tottenham yatsindiye hanze ibitsindo vyinshi ica irabandanya.
Lucas Moura yakuye ahakomeye Tottenham
Ryari ijoro ridasanzwe kuri Moura
Abakinyi ba Ajax babaye nk'abakubiswe n'inkuba
Vyabagoye kwakira ibibashikiye
N’ubwa mbere
Tottenham igiye ku rukino rwa nyuma rwa Champions Ligue.Inyuma y’ imyaka 11,
imirwi iva mu Bwongereza irasubiriye guhurira ku rukino rwa nyuma rw’iryo
rushawa kuko urwaheruka rwabaye mu 2008 aho rwahuje Manchester United na Chelsea
,Manchester ica iragitwara.
0 Commentaires