Ivyavuzwe inyuma y’urukino rwa Liverpool na FC Barcelona

Ku munsi wa kabiri uheze itariki 7 rusama 2019,umurwi wa Liverpool waraye ukoze ivyo benshi batari biteze mu gutsinda umurwi wa Fc Barcelona ibitsindo 4 ku 0,vyaciye biha uwo murwi uburenganzira bw’ukuzokina urukino rwa nyuma rwa Ligue des Champions.Inyuma y’urwo rukino rero hakaba havuzwe vyinshi.

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp akaba yavuze kw’atari bwigere ashikirwa n’ivyo yaraye abonye.Yagize ati :«Ndibaza kw’ijoro ryiza kuruta ayandi rizoba mu ndwi zibiri ariko iyi n’intsinzi ihambaye,ijoro ryiza.Ni vyo twashaka.Abakinyi bakoze ivyo bashoboye ariko ntushobora kwizera imbere y’urukino.Bakoresheje ubwenge neza,bakoreye hamwe,bakoze cane,rwari urugamba rwiza.Mu myaka 19 maze nd’umumenyereza,sinari bwabone ibi.N’uruvangatirane rw’abakinyi badasanzwe bakora cane mu kibuga.Abafana nabo bazana umwuka mwiza…dukinira ibi bihe.Nabonye abantu bose bagize ibigumbagumba….n’ivyo tuba dukorera mu buzima bwacu mu kazi.Ivyo ntibiba kenshi.Ntibisanzwe na gato»

Jurgen Klopp mu kanyamuneza

Umukinyi Wijnaldum nawe yatsinze ibitsindo 2 akaba yavuze ko yashavujwe n’ugutangura ari ku ntebe y’abasubiriza. Yagize ati :«Hanze y’ikibuga,abamenyesha makuru n’abasesengura inkino bari bibaza ko tutabishobora ariko twatsinze bine.Dufise ibigumbagumba nari nashavuriye umumenyereza yari yanshize ku ntebe y’abagombora.Nategerezwa kugira ico nkora,nashoboye gutsinda ibitsindo bibiri ariko n’urukino rwiza rw’umurwi.Ego twari twizeye kandi tuzi ko dushobora gutsinda,ko bishoboka kandi twabikoze»

 
Wijnaldum

Umubirigi akomoka muri Kenya Divock Origi nawe yatsinze bibiri yavuze ko barushije Barcelona mu mutwe.Ati :«Twakinye 4-3-3 yacu ariko twari tuzi k’uno munsi dutegerezwa kwitanga tugakina n’umutima ukomeye.Niho dukomereye.Twitanze cane twese twategerezwa kwitonda none twabikoze.4-0 dutsinda Barca,ntivyoroshe.Turubaha cane uwo mugwi ariko twabarushije mu mutwe.Igitsindo canje ?Nari nzi ko bose barushe.Birya n’ibintu dukora mu myimenyerezo.Cinjiye.»

Divock Origi

Ku ruhande rwa Barcelona,umukinyi Luis Suarez yavuze ko bavyifashemwo nk’abana ku gitsindo ca kane.Ati :«Twari tuzi uko bimeze,ariko ku gitsindo ca kane umuntu yokwibajije ko turi abatarengeje imyaka 19.Nari navuze kw’abafana babo babatera intege ariko sibo batsinda ibitsindo.Liverpool yatsinze kare ica itangura igice ca kabiri ifise intumbero yo gutsinda ikindi baca batsinda ibitsindo bibiri mu minota ibiri bivuye ku makosa yacu.» Suarez yasavye kandi ikigongwe abafana ba Barcelona hanyuma avuga ko atawota amakosa ku mumenyereza wabo kuko ngo ubuhinga yakoresheje batsinda urukino rwa mbere yarabukoresheje ku rukurikira,ahubwo ngo ikosa n’irya bo batsinzwe ibitsindo bibiri mu minota ibiri.

Luis Suarez 

Umumenyereza wa Barcelona Ernesto Valverde yavuze k’uko gutsindwa kwamukoze ku mutima :«Umumenyereza ategerezwa kwemera amakosa nta kindi.Ikibabaje cane n’ugusubiramwo kandi ivyari vyadushikiye umwaka uheze zari inkino zibiri zitandukanye ntitwari tuvyiteze twari twiteguye none twaguye kandi »

Ernesto Valverde umumenyereza wa FC Barcelona

KubwĂşmuyobozi wa FC Barcelona Josep Maria Bartolomeu,ng’ukwo gutsindwa kwabaye nk’akandi kanyafu bakubiswe.Ati :«Nta nsiguro ndabifitiye.Hazoboneka umwanya w’ukubisigura ariko biragoye gusigura ivyabaye.Dutegerezwa kuvugana indani dutore inyishu.N’umwaka wa kabiri tugize ijoro ry’agahinda.Dutegerezwa guhaguruka,ariko biraboneka kw’ari umunsi ugoye kuri twese.»

Josep Maria Bartolomeu umuyobozi wa FC Barcelona

Umukinyi wo hagati wa FC Barcelona Sergio Busquets akaba nawe yasavye ikigongwe abafana yagize ati :«Bitanze kuva urukino rutanguye hanyuma twe duca turata umutwe.Kandi iyo utsinzwe uca wisanga wanizwe,ndibaza ko twaronse uburyo bw’ugutsinda ico gitsindo gihambaye…..ariko nticaje.Ndasavye ikigongwe abafana kuko inyuma ya Roma birabaye kandi,birababaje kuko twari twifashe neza mu rukino rwa mbere»

Gerard Pique (ibubamfu) Sergio Busquets (iburyo) 

Mwomenya kandi ko bus itwara abakinyi ba FC Barcelona imbere y’ugutaha yari itegerezwa kurindira Messi yariko aragirirwa isuzuma ku bijanye n’imiti itanga inguvu ariko mu nyuma vyaje kumenyekana ko yamusize.Messi yasubiriye guhurira na bagenzi we ku kibuga c’indege ca Liverpool bataha. 

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires