Ku munsi wa kabiri uheze itariki 7 rusama
2019,umurwi wa Liverpool waraye ukoze ivyo benshi batari biteze mu gutsinda
umurwi wa Fc Barcelona ibitsindo 4 ku 0,vyaciye biha uwo murwi uburenganzira bw’ukuzokina
urukino rwa nyuma rwa Ligue des Champions.Inyuma y’urwo rukino rero hakaba
havuzwe vyinshi.
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp akaba yavuze
kw’atari bwigere ashikirwa n’ivyo yaraye abonye.Yagize ati :«Ndibaza kw’ijoro ryiza kuruta ayandi rizoba mu ndwi zibiri ariko iyi n’intsinzi
ihambaye,ijoro ryiza.Ni vyo twashaka.Abakinyi bakoze ivyo bashoboye ariko
ntushobora kwizera imbere y’urukino.Bakoresheje ubwenge neza,bakoreye hamwe,bakoze
cane,rwari urugamba rwiza.Mu myaka 19 maze nd’umumenyereza,sinari bwabone ibi.N’uruvangatirane
rw’abakinyi badasanzwe bakora cane mu kibuga.Abafana nabo bazana umwuka mwiza…dukinira
ibi bihe.Nabonye abantu bose bagize ibigumbagumba….n’ivyo tuba dukorera mu
buzima bwacu mu kazi.Ivyo ntibiba kenshi.Ntibisanzwe na gato»
Jurgen Klopp mu kanyamuneza
Umukinyi Wijnaldum nawe yatsinze ibitsindo 2 akaba
yavuze ko yashavujwe n’ugutangura ari ku ntebe y’abasubiriza. Yagize ati :«Hanze y’ikibuga,abamenyesha makuru n’abasesengura
inkino bari bibaza ko tutabishobora ariko twatsinze bine.Dufise ibigumbagumba
nari nashavuriye umumenyereza yari yanshize ku ntebe y’abagombora.Nategerezwa
kugira ico nkora,nashoboye gutsinda ibitsindo bibiri ariko n’urukino rwiza rw’umurwi.Ego
twari twizeye kandi tuzi ko dushobora gutsinda,ko bishoboka kandi twabikoze»
Wijnaldum
Umubirigi akomoka muri Kenya Divock Origi nawe
yatsinze bibiri yavuze ko barushije Barcelona mu mutwe.Ati :«Twakinye 4-3-3 yacu ariko twari tuzi k’uno
munsi dutegerezwa kwitanga tugakina n’umutima ukomeye.Niho dukomereye.Twitanze
cane twese twategerezwa kwitonda none twabikoze.4-0 dutsinda Barca,ntivyoroshe.Turubaha
cane uwo mugwi ariko twabarushije mu mutwe.Igitsindo canje ?Nari nzi ko
bose barushe.Birya n’ibintu dukora mu myimenyerezo.Cinjiye.»
Divock Origi
Ku ruhande rwa Barcelona,umukinyi Luis Suarez yavuze
ko bavyifashemwo nk’abana ku gitsindo ca kane.Ati :«Twari tuzi uko bimeze,ariko ku gitsindo ca kane umuntu yokwibajije ko
turi abatarengeje imyaka 19.Nari navuze kw’abafana babo babatera intege ariko
sibo batsinda ibitsindo.Liverpool yatsinze kare ica itangura igice ca kabiri
ifise intumbero yo gutsinda ikindi baca batsinda
ibitsindo bibiri mu minota ibiri bivuye ku makosa yacu.» Suarez yasavye
kandi ikigongwe abafana ba Barcelona hanyuma avuga ko atawota amakosa ku
mumenyereza wabo kuko ngo ubuhinga yakoresheje batsinda urukino rwa mbere
yarabukoresheje ku rukurikira,ahubwo ngo ikosa n’irya bo batsinzwe ibitsindo
bibiri mu minota ibiri.
Luis Suarez
Umumenyereza wa Barcelona Ernesto Valverde yavuze k’uko
gutsindwa kwamukoze ku mutima :«Umumenyereza
ategerezwa kwemera amakosa nta kindi.Ikibabaje cane n’ugusubiramwo kandi ivyari
vyadushikiye umwaka uheze zari inkino zibiri zitandukanye ntitwari tuvyiteze
twari twiteguye none twaguye kandi »
Ernesto Valverde umumenyereza wa FC Barcelona
KubwĂşmuyobozi wa FC Barcelona Josep Maria
Bartolomeu,ng’ukwo gutsindwa kwabaye nk’akandi kanyafu bakubiswe.Ati :«Nta nsiguro ndabifitiye.Hazoboneka umwanya
w’ukubisigura ariko biragoye gusigura ivyabaye.Dutegerezwa kuvugana indani
dutore inyishu.N’umwaka wa kabiri tugize ijoro ry’agahinda.Dutegerezwa
guhaguruka,ariko biraboneka kw’ari umunsi ugoye kuri twese.»
Josep Maria Bartolomeu umuyobozi wa FC Barcelona
Umukinyi wo hagati wa FC Barcelona Sergio Busquets
akaba nawe yasavye ikigongwe abafana yagize ati :«Bitanze kuva urukino rutanguye hanyuma twe duca turata umutwe.Kandi iyo utsinzwe uca wisanga wanizwe,ndibaza ko
twaronse uburyo bw’ugutsinda ico gitsindo gihambaye…..ariko nticaje.Ndasavye
ikigongwe abafana kuko inyuma ya Roma birabaye kandi,birababaje kuko twari
twifashe neza mu rukino rwa mbere»
Gerard Pique (ibubamfu) Sergio Busquets (iburyo)
Mwomenya kandi ko bus
itwara abakinyi ba FC Barcelona imbere y’ugutaha yari itegerezwa kurindira
Messi yariko aragirirwa isuzuma ku bijanye n’imiti itanga inguvu ariko mu nyuma
vyaje kumenyekana ko yamusize.Messi yasubiriye guhurira na bagenzi we ku kibuga
c’indege ca Liverpool bataha.
0 Commentaires