Umugore Kim
Kardashian yari yahisemwo ngw’muvyarire umwana bamwe bita aba Mere porteuse
akaba yaribarutse umwana w’umuhungu kuri uwu wa gatanu .Akaba ari umwana wa kane
umuryango wa Kim Kardashian na Kanye West wungutse.
Kim Kardashian
akaba yarabitangaje mu majambo make kuri Twitter ati : «He is here and he is
perfect» «ari ngaha kandi ameze neza»
https://twitter.com/KimKardashian/status/1126880574260441088
Uwo mwana w’umuhungu
akaba aje yiyongera ku bana batatu uwo muryangp wari ufise aribo North w’imyaka
itanu,Saint w’imyaka itatu na Chicago w’umwaka umwe.
Mukuru wa Kim
Kardashian Kourtney Kardashian akaba yari yatangaje inkuri y’ivuka ry’uwo mwana
mu gitondo co kuwa gatanu mu kiganiro ca Ellen DeGeneres.
Kim Kardashian na Kanye West n'abana babo batatu
0 Commentaires