Kim Kardashian na Kanye West bungutse umwana w’umuhungu


Umugore Kim Kardashian yari yahisemwo ngw’muvyarire umwana bamwe bita aba Mere porteuse akaba yaribarutse umwana w’umuhungu kuri uwu wa gatanu .Akaba ari umwana wa kane umuryango wa Kim Kardashian na Kanye West wungutse.

Kim Kardashian akaba yarabitangaje mu majambo make kuri Twitter ati : «He is here and he is perfect» «ari ngaha kandi ameze neza»

https://twitter.com/KimKardashian/status/1126880574260441088

Uwo mwana w’umuhungu akaba aje yiyongera ku bana batatu uwo muryangp wari ufise aribo North w’imyaka itanu,Saint w’imyaka itatu na Chicago w’umwaka umwe.
Mukuru wa Kim Kardashian Kourtney Kardashian akaba yari yatangaje inkuri y’ivuka ry’uwo mwana mu gitondo co kuwa gatanu mu kiganiro ca Ellen DeGeneres.


Kim Kardashian na Kanye West n'abana babo batatu

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires