Umurwi wo mu Bwongereza wa Liverpool,waraye ukoze
ibitangaza mu gutsinda umurwi wa Fc Barcelona ibitsindo 4 ku busa mu rukino rw’ugusubiriza
n’ aho mu rukino rwa mbere Barcelona yari yatsinze Liverpool ibitsindo 3 ku
busa.
Ivyo vyabaye ku munsi wa kabiri uheze itariki 7
rusama 2019 aho isaha zitatu z’ijoro ku kibuga c’umurwi wa Liverpool hari
hategekanijwe urukino rw’ugusubiriza muri kimwe ca kabiri (demi final) ca
Champions Ligue.Umurwi wa Liverpool wasabwa kugaruza ibitsindo 3 wari watsinzwe
na Fc Barcelona mu rukino rutangura.Imbere y’uru rukino benshi mubasesengura
umupira babona bidashoboka ko Liverpool ibandanya kiretse ibidasanzwe none
ibidasanwe vyabaye.
Umurwi wa Liverpool udafise Salah na Firmino ukaba
washoboye gutsinda Barcelona ubifashijwemwo na Georginio Wijnaldum na Divock
Origi batsinze ibitsindo bibiri bibiri.Ku kibuga ca Anfield ,Liverpool
yatanguye urukino neza isatira.Ku munota w’indwi,kw’ikosa rya Jordi Alba,Sadio
Mane yafashe umupira aca ahereza Jordan Henderson atuma Ter Stegen agira parade
ariko kuko Origi yari hafi aca aratsinda igitsindo ca mbere ca Liverpool.Ico
gihe igihunga cabaye cinshi ku ruhande rwa Barcelona itumva ukuntu Liverpool
yariko irayisatira ariko Barcelona yaje irasatira ariko umunyegori wa Liverpool
Alisson Becker avyifatamwo neza ivyo vyabaye nko ku minota ya 14 ;18 ;45+4 ;51
na 68.Ariko na Ter Stegen wa Barcelona hari imipira yakuyemwo nko ku munota w’7 ;9
na 23.Igice ca mbere kikaba caheze ari 1 ca Liverpool ku 0 bwa Barcelona.
Origi atsinda igitsindo ca mbere
Mu gice ca kabiri,umukinyi Andrew Robertson yari
yavunitse yakuwemwo hinjizwa Giorgio Wijnaldum.Georgio Wijnaldum akaba yatsinze igitsindo ca kabiri n’ica gatatu ku
minota ya 54 na 56 ibintu bica bisubira ibubisi abakinyi n’abafana ba FC
Barcelona bamera nk’abakubiswe n’inkuba.Ku munota wa 79 mu gihe Liverpool yari
ironse corner umwongereza Alexander Arnold yagomba areke Shaqiri ayitere ariko
mu buryo butangaje,Arnold yabonye Origi ahagaze wenyene muri mukore umbone(Surface
de réparation) aca afata ingingo y’ukuyitera vuba cane Origi aca aratsinda
igitsindo ca kane urukino rukaba rwarinze ruhera uko.
Origi atsinda ica kane
Umurwi wa Barcelona bikaba atari ubwa mbere ikuwemwo
gutyo kuko no mu mwaka uheze wa 2018 umurwi wa AS Roma ukaba warawukuyyemwo
uyitsinze 3 ku busa mu gihe mu rukino rubanza Barcelona yari yatsinze Roma
4-1.Ikaba iheruka iki gikombe mu 2015.Iyi ntsinzi ya Liverpool yibukije kandi
abakunzi bayo urukino rwa nyuma mu nkino nk’izi rwabereye i Istambul muri
Turquie rwari rwawuhuje na Milan AC aho mu minota mike cane uwo murwi wa
Liverpool wagaruje ibitsindo 3 uca utwara igikombe.
Urukino rwa nyuma rukaba ruzoba itariki 1 ruheshi
2019,rukazohuza umurwi wa Liverpool n’umurwi uza gutsinda hagati ya Ajax d’Amsterdam
na Tottenham ,rukazobera mu gisagara ca Madrid muri Espagne ku kibuga ca
Estadio Metropolitano, ikibuga gisanzwe gikinirako umurwi wa Atletico Madrid.
Messi yagerageje biranka
Messi yatahanye umubabaro udasanzwe
Abakinyi ba Barcelona ntibavyumva
Salah yari yambaye agapira kariko amajambo atera intege(NEVER GIVE UP:NTUGACIKE INTEGE)
Abafana ba Liverpool bafashije umurwi mu gufana kugera ku munota wa nyuma
0 Commentaires