Umwamikazi wo mu Bwongereza Elizabeth II yaravuze
amajambo y’ugutwenga umuhungu wiwe,umuganwa Charles igihe yibaruka imfura yiwe
umuganwa William.
Itariki ya 21 ruheshi 1982 izokwama ihambaye ku
bwami bw’ubwongereza kuko ariwo munsi umuhungu w’umwamikazi Elisabeth umuganwa
Charles yibaruka imfura yiwe Umuganwa William.Yamuvyaranye n’uwari umugore wiwe
ico gihe umuhisi Lady Diana akaba yamwibarukiye mu gisagara ca Londres ku
bitaro vya St Mary Hospital.Kubera akanyamuneza kenshi k’ukuronka umwana w’imfura,
Charles ntiyatanzwe gutangaza inkuru nziza.
«Kuvuka kw’umwana wacu n’ikintu ciza cane kuruta ukwo nakeka» Ivyo akaba yari yabitangaje nk’uko umunyamakuru
Camilla Tominey wa Daily Express yavuze.
Lady Diana ateruye William akikijwe n'abantu barimwo Elisabeth na Charles
Hanyuma ico gihe nyina
wiwe Elizabeth II amaze kwumva iyi nkuru nziza yaciye agira ico avuze mu kumera nk’uwumutwenga gato n’aho yari
aryohewe k’umuhungu wiwe w’imfura yibarutse.Uwo munyamakuru Camilla Tominey yatangaje ko Elizabeth yavuze
ati : «Urakoze Mana kw’adafise amatwi nk’aya
se» ariko Charles ntivyamubabaje ahubwo vyaramushimishije. Mwomenya ko uwo
William yavutse ico gihe ari Samuragwa.
0 Commentaires