Agakuru gatwengeje kuvyavuzwe n’umwamikazi Elizabeth II igihe umuganwa Charles yibaruka

Umwamikazi wo mu Bwongereza Elizabeth II yaravuze amajambo y’ugutwenga umuhungu wiwe,umuganwa Charles igihe yibaruka imfura yiwe umuganwa William.
Itariki ya 21 ruheshi 1982 izokwama ihambaye ku bwami bw’ubwongereza kuko ariwo munsi umuhungu w’umwamikazi Elisabeth umuganwa Charles yibaruka imfura yiwe Umuganwa William.Yamuvyaranye n’uwari umugore wiwe ico gihe umuhisi Lady Diana akaba yamwibarukiye mu gisagara ca Londres ku bitaro vya St Mary Hospital.Kubera akanyamuneza kenshi k’ukuronka umwana w’imfura, Charles ntiyatanzwe gutangaza inkuru nziza. «Kuvuka kw’umwana wacu n’ikintu ciza cane kuruta ukwo nakeka» Ivyo akaba yari yabitangaje nk’uko umunyamakuru Camilla Tominey wa Daily Express yavuze.

Lady Diana ateruye William akikijwe n'abantu barimwo Elisabeth na Charles

Hanyuma ico gihe nyina wiwe Elizabeth II amaze kwumva iyi nkuru nziza yaciye agira ico avuze  mu kumera nk’uwumutwenga gato n’aho yari aryohewe k’umuhungu wiwe w’imfura yibarutse.Uwo munyamakuru  Camilla Tominey yatangaje ko Elizabeth yavuze ati : «Urakoze Mana kw’adafise amatwi nk’aya se» ariko Charles ntivyamubabaje ahubwo vyaramushimishije. Mwomenya ko uwo William yavutse ico gihe ari Samuragwa.

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires