R Kelly aragirizwa kudafasha umukobwa wiwe


Umukobwa wa R Kelly avuga ko amashuri yiwe yahagaze kubera se wiwe atarishe amahera y’ishuri.Ariko R Kelly avuga kw’atavyo yari azi kuko ata vyemezo yahawe.
Nk’uko bamwe mu bantu babizi babivuga,Joan Lee batazira Baku Abi,yariko ariga kw’ishuri rya California art school gushika mu mwaka uheze aho yashatse kuja kwiyandikisha mu gice gikurikira ariko baramwankira kubera amahera y’ishuri atarishe.

R Kelly yategerezwa kurihira umukobwa wiwe amahera y’ishure kugeza agejeje imyaka 23 nk’uko bavyumvikanye mu masezerano bagiranye n’umugore wiwe wa kera Drea ariko uwo mugore wiwe avuga ko yahagaritse kumurihira kuva umwaka uheze ataco amenyesheje ivyo bikaba vyatumye umwana wabo ahagarika kwiga.R Kelly ngo yarahagaritse kandi kuriha inzu umukobwa wiwe Joan yabamwo igihe yari aciga bica bituma ayivamwo,ngo kandi yarahagaritse kuriha ibitabo vya Joan bica bituma Joan Lee avyirihira kandi ari se yari kubimufashamwo.


Drea,nyina wa Joan Yahoze akundana na R Kelly

Uwo bakorana na R Kelly Darell Johnson avuga ko R Kelly kugira ngw’arihire umwana wiwe arabanza akaronka impapuro zemeza ko amafranga yatanze yakoreshejwe ariko ubu ntibazimuhaye ngo nico gituma atarishe.R Kelly mbere ngo ntiyizera izo nkuru kuko ata vyemezo Drea yamuhaye vyemeza ko Joan yirukanywe.R Kelly ngo ategerezwa guha umwana wiwe amafranga arenga ibihumbi 20 vy’amadorari buri kwezi.


R Kelly ashaka ivyemezo imbere y'ugutanga

Umubano wa Joan na R Kelly ukaba umaze iminsi utifashe neza mbere mu minsi iheze mu kwa mbere yamwise «igisizimwe» «the monster» bivuye ku vyo yari amaze kubona mw’ireresi yitwa «Surviving R. Kelly.» Twobibutsa kw’iyo reresi yatangaza amabanga atandukanye y’ukuntu R Kelly yahohoteye abigeme batandukanye.

Enregistrer un commentaire

0 Commentaires