Umukobwa wa R Kelly
avuga ko amashuri yiwe yahagaze kubera se wiwe atarishe amahera y’ishuri.Ariko
R Kelly avuga kw’atavyo yari azi kuko ata vyemezo yahawe.
Nk’uko bamwe mu
bantu babizi babivuga,Joan Lee batazira Baku Abi,yariko ariga kw’ishuri rya
California art school gushika mu mwaka uheze aho yashatse kuja kwiyandikisha mu
gice gikurikira ariko baramwankira kubera amahera y’ishuri atarishe.
R Kelly
yategerezwa kurihira umukobwa wiwe amahera y’ishure kugeza agejeje imyaka 23 nk’uko
bavyumvikanye mu masezerano bagiranye n’umugore wiwe wa kera Drea ariko uwo
mugore wiwe avuga ko yahagaritse kumurihira kuva umwaka uheze ataco amenyesheje
ivyo bikaba vyatumye umwana wabo ahagarika kwiga.R Kelly ngo yarahagaritse
kandi kuriha inzu umukobwa wiwe Joan yabamwo igihe yari aciga bica bituma
ayivamwo,ngo kandi yarahagaritse kuriha ibitabo vya Joan bica bituma Joan Lee
avyirihira kandi ari se yari kubimufashamwo.
Uwo bakorana na
R Kelly Darell Johnson avuga ko R Kelly kugira ngw’arihire umwana wiwe arabanza
akaronka impapuro zemeza ko amafranga yatanze yakoreshejwe ariko ubu
ntibazimuhaye ngo nico gituma atarishe.R Kelly mbere ngo ntiyizera izo nkuru kuko
ata vyemezo Drea yamuhaye vyemeza ko Joan yirukanywe.R Kelly ngo ategerezwa
guha umwana wiwe amafranga arenga ibihumbi 20 vy’amadorari buri kwezi.
Umubano wa Joan
na R Kelly ukaba umaze iminsi utifashe neza mbere mu minsi iheze mu kwa mbere yamwise
«igisizimwe» «the monster» bivuye ku
vyo yari amaze kubona mw’ireresi yitwa «Surviving
R. Kelly.» Twobibutsa kw’iyo reresi yatangaza amabanga atandukanye y’ukuntu
R Kelly yahohoteye abigeme batandukanye.
0 Commentaires