Saido
Berahino n’umukinyi w’umupira w’amaguru w’umurundi akinira umurwi nserukira
gihugu w’uburundi Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Stoke City wo mu Bwongereza.
Yavukiye i
Bujumbura itariki 4 myandagaro mu 1993.Se wiwe yapfuye mu 1997 afise imyaka ine mu gihe
umutekano utari wifashe neza mu Burundi.Mama wiwe yitwa Liliane Berahino.Mu mpera z'imyaka ya 90 yaratandukanye n'umuryango wiwe aca ajanwa muri Tanzaniya abana n'abagenzi ba Maman wiwe mu nyuma aca aja muri Kenya avuye muri kenya aca aja iburaya mu Bwongereza gusangayo umuryango wiwe kuko niho
wari waronse ubuhungiro ico gihe yari afise imyaka cumi.Agiye mu Bwongereza ntivyoroshe kw'abonana na Maman wiwe kuko habanje gukorwa amatohoza menshi yerekana ko ari umwana wiwe harimwo na DNA test.Yemerewe kuja kwa Maman wiwe DNA test yemeje ko Liliane Berahino ari nyina wa Saido Berahino.
Saido Berahino afise ubwene gihugu bubiri ,ubw’uburundi
n’ubw’ubwongereza.Afise uburebure bw’imetero imwe na santimetero 80 akaba akina
umupira nk’uwabigize umwuga kuva mu 2011.Akina k’uruhande rw’abasatirizi kandi
ukuguru kumworohera gukinisha n’ukuryo.
Berahino na Maman wiwe Liliane
Ari kumwe na bamwe mu baryango biwe
Berahino mu mirwi isanzwe
Mu 2004 ata
gihe kinini giheze agiye mu Bwongereza,Berahino yaciye aja mw’ishure ryigisha
umupira w’amaguru ry’umurwi West Bromwich Albion arimaramwo imyaka indwi
anakinira abakiri bato b’uwo murwi,mu 2011 niho uwo murwi wa West Bromwich
Albion wamusinyisha amasezerano y’ugukina nk’uwabigize umwuga mu kuja mu murwi
w’abakuze.Ico gihe yari afise imyaka 18.Munyuma yaciye atizwa mu murwi wo mu
cicaro ca kane mu Bwongereza witwa Nothampton Town aho yatsinze ibitsindo 6 mu
nkino 15.Itariki 9 ruhuhuma mu 2012 yaratijijwe ku kiringo c’amezi atatu mu murwi
wo mu cicaro ca gatatu mu Bwongereza witwa Brentford.Yatsinze ibitsindo 4 mu
nkino 8.Itariki 1 gitugutu mu 2012 yaciye atizwa mu cicaro ca kabiri mu
Bwongereza mu murwi wa Peterborough United.
Urukino
rwiwe rwa mbere muri Premier League icicaro ca mbere mu Bwongereza yawukinye
itariki 1 myandagaro mu 2013 aho umurwi wiwe wa West Bromwich Albion wari
wakinye na Swansea City.Igitsindo ciwe ca mbere muri Premier Leagure
yagitsindiye ku kibuga ca Old Trafford aho umurwi wiwe wari wakinye na
Manchester United uca uyitsinda ibitsindo 2 kuri 1.Igitsindo ciwe catumye West
Bromwich ikora amateka y’ugutsindira Manchester United iwayo ubwa mbere kuva mu
1978.Mu mwaka wakurikiye,Berahino yashizwe mu murwi utangura mu kibuga aho
mbere yatsinze ibitsindo 7 mu nkino 11 za mbere.Muri ntwarante mu 2015 yabaye
umukinyi wa 6 yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Premier League mbere harageze
igihe aripfuzwa n’imirwi ikomeye nka Tottenham na Liverpool .Mw’ihiganwa
rikurikira yatsinze ibitsindo 4 mu nkino 31. Mu mwaka w’inkino wa 2016-2017
kubera gukinishwa mu nkino nke cane mu gice ca mbere c’irushanwa,Berahino
yaciye afata ingingo y’ukuva muri West Bromwich.Itariki 20 nzero mu
2017,Berahino yaciye asinya amasezerano y’imyaka itanu mu murwi wa Stoke City
asanzwe anakinira ubu.Ico gihe Stoke City yari mu cicaro ca mbere ariko ubu iri
mu cicaro ca kabiri.
Agikina muri West Bromwich atsinda Man United
Yaragiriye ibihe vyiza muri West Bromwich
Ubu akinira Stoke City
Berahino mu mirwi nserukira gihugu
Nk’uko
asanzwe afise ubwenegihugu bw’umurundi n’ubwongereza,Berahino mu ntango
yahisemwo gukinira imirwi nserukira gihugu y’ ubwongereza.Akaba yarakiniye
imirwi yose y’abakiri bato y’ubwongereza ayitsindira ibitsindo cumi mu nkino 15
yakinye hagati ya 2013 na 2015.Itariki 6 munyonyo mu 2014,umumenyereza Roy
Hodgson yaramuhamagaye ubwa mbere mu murwi nserukira gihugu w’abakuze ariko
ntiyakinye mu nyuma ntiyasubiriye guhamagarwa n’ubwongereza.
Berahino mu murwi nserukira gihugu w'Ubwongereza w'abakiri bato yambaye nimero 18
Mu 2015,ishirahamwe
ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryaramwegereye riramusaba ko yokinira
Uburundi.Itariki 8 nyakanga mu 2018,Berahino yarakinye urukino rwiwe rwa mbere
yambaye umwambaro w’Intamba mu Rugamba aranatsinda n’igitsindo aho Uburundi
bwari bwakinye na Gabon urukino rurangira ari 1 ku 1.Berahino akaba yarakinye
n’urukino rusubiriza uburundi bwakinye na Sudani y’epfo,yarakinye urutangura
n’urusubiriza uburundi bwakinye na Mali,yarakinye kandi n’urukino rw’amateka
rw’ugusubiriza aho uburundi bwanganije na Gabon kimwe ku kindi Uburundi buca
buronka uburenganzira bwo kuja mu gikombe ca Afrika CAN.Benshi bavuga ko kuba
Berahino yaremeye kuza gukinira Uburundi vyafashije kugira Uburundi buje muri
CAN.
Berahino na Mac Arthur bishimira intsinzi y'Uburundi
Berahino ari kumwe n'umukuru w'igihugu c'uburundi Pierre Nkurunziza
Berahino na Fiston Abdul Razak urukino rw'uburundi na Gabon rugira rutangure
Berahino yarafashije cane umurwi nserukira gihugu
Hanze y’ikibuga
Bamwe mu
bamuzi bavuga ko kudatera imbere cane mu mupira vyaturutse ku makosa menshi
akora hanze y’ikibuga.Ngo n’umuntu akunda kutumvikana n’abamenyereza ,ngo hari
igihe afatwa atwaye imodoka aborewe,n’ibindi.Mu 2014 yarafashwe amashusho ariko
aranywera mu modoka ikiyayura mutwe citwa hippy crack.Ico gihe yarabihakanye
ariko mu nyuma arasaba ikigongwe.Muri gitugutu mu 2014 yarafashwe atwaye
imodoka aborewe mbere uwu mwaka aheruka guhabwa igihano c’ukuriha amande y’ama
pound 75000 bivuye ku gutwara aborewe .Yaragirijwe
kandi guca inyuma umu fiance wiwe bikaba vyarigeze kuvugwa ko yavyaye abana 3
mu ndwi zitandatu ariko we ayo makuru yarayabeshuje avuga ko afise umwana umwe
gusa.Akaba akundana na Stephania Christoforou umuzungukazi akomoka mu gihugu ca
Chypre akaba afise akabare gakomeye i Birmingham kitwa NOVO BAR.
Yarahaniwe gutwara aborewe
Akundana na Stephania Christoforou
Vyaravuzwe ko yateye inda abagore 3 mu ndwi 6
0 Commentaires