Amateka ya Saido Berahino



Saido Berahino n’umukinyi w’umupira w’amaguru w’umurundi akinira umurwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Stoke City wo mu Bwongereza.

Yavukiye i Bujumbura itariki 4 myandagaro mu 1993.Se wiwe yapfuye mu 1997 afise imyaka ine mu gihe umutekano utari wifashe neza mu Burundi.Mama wiwe yitwa Liliane Berahino.Mu mpera z'imyaka ya 90 yaratandukanye n'umuryango wiwe aca ajanwa muri Tanzaniya abana n'abagenzi ba Maman wiwe mu nyuma aca aja muri Kenya avuye muri kenya aca aja iburaya  mu  Bwongereza gusangayo umuryango wiwe kuko niho wari waronse ubuhungiro ico gihe yari afise imyaka cumi.Agiye mu Bwongereza ntivyoroshe kw'abonana na Maman wiwe kuko habanje gukorwa amatohoza menshi yerekana ko ari umwana wiwe harimwo na DNA test.Yemerewe kuja kwa Maman wiwe DNA test yemeje ko Liliane Berahino ari nyina wa Saido Berahino.

Saido Berahino afise ubwene gihugu bubiri ,ubw’uburundi n’ubw’ubwongereza.Afise uburebure bw’imetero imwe na santimetero 80 akaba akina umupira nk’uwabigize umwuga kuva mu 2011.Akina k’uruhande rw’abasatirizi kandi ukuguru kumworohera gukinisha n’ukuryo.

Berahino na Maman wiwe Liliane

Ari kumwe na bamwe mu baryango biwe

Berahino mu mirwi isanzwe

Mu 2004 ata gihe kinini giheze agiye mu Bwongereza,Berahino yaciye aja mw’ishure ryigisha umupira w’amaguru ry’umurwi West Bromwich Albion arimaramwo imyaka indwi anakinira abakiri bato b’uwo murwi,mu 2011 niho uwo murwi wa West Bromwich Albion wamusinyisha amasezerano y’ugukina nk’uwabigize umwuga mu kuja mu murwi w’abakuze.Ico gihe yari afise imyaka 18.Munyuma yaciye atizwa mu murwi wo mu cicaro ca kane mu Bwongereza witwa Nothampton Town aho yatsinze ibitsindo 6 mu nkino 15.Itariki 9 ruhuhuma mu 2012 yaratijijwe ku kiringo c’amezi atatu mu murwi wo mu cicaro ca gatatu mu Bwongereza witwa Brentford.Yatsinze ibitsindo 4 mu nkino 8.Itariki 1 gitugutu mu 2012 yaciye atizwa mu cicaro ca kabiri mu Bwongereza mu murwi wa Peterborough United.
Urukino rwiwe rwa mbere muri Premier League icicaro ca mbere mu Bwongereza yawukinye itariki 1 myandagaro mu 2013 aho umurwi wiwe wa West Bromwich Albion wari wakinye na Swansea City.Igitsindo ciwe ca mbere muri Premier Leagure yagitsindiye ku kibuga ca Old Trafford aho umurwi wiwe wari wakinye na Manchester United uca uyitsinda ibitsindo 2 kuri 1.Igitsindo ciwe catumye West Bromwich ikora amateka y’ugutsindira Manchester United iwayo ubwa mbere kuva mu 1978.Mu mwaka wakurikiye,Berahino yashizwe mu murwi utangura mu kibuga aho mbere yatsinze ibitsindo 7 mu nkino 11 za mbere.Muri ntwarante mu 2015 yabaye umukinyi wa 6 yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Premier League mbere harageze igihe aripfuzwa n’imirwi ikomeye nka Tottenham na Liverpool .Mw’ihiganwa rikurikira yatsinze ibitsindo 4 mu nkino 31. Mu mwaka w’inkino wa 2016-2017 kubera gukinishwa mu nkino nke cane mu gice ca mbere c’irushanwa,Berahino yaciye afata ingingo y’ukuva muri West Bromwich.Itariki 20 nzero mu 2017,Berahino yaciye asinya amasezerano y’imyaka itanu mu murwi wa Stoke City asanzwe anakinira ubu.Ico gihe Stoke City yari mu cicaro ca mbere ariko ubu iri mu cicaro ca kabiri.

Agikina muri West Bromwich atsinda Man United

Yaragiriye ibihe vyiza muri West Bromwich

Ubu akinira Stoke City

Berahino mu mirwi nserukira gihugu

Nk’uko asanzwe afise ubwenegihugu bw’umurundi n’ubwongereza,Berahino mu ntango yahisemwo gukinira imirwi nserukira gihugu y’ ubwongereza.Akaba yarakiniye imirwi yose y’abakiri bato y’ubwongereza ayitsindira ibitsindo cumi mu nkino 15 yakinye hagati ya 2013 na 2015.Itariki 6 munyonyo mu 2014,umumenyereza Roy Hodgson yaramuhamagaye ubwa mbere mu murwi nserukira gihugu w’abakuze ariko ntiyakinye mu nyuma ntiyasubiriye guhamagarwa n’ubwongereza.

Berahino mu murwi nserukira gihugu w'Ubwongereza w'abakiri bato yambaye nimero 18

Mu 2015,ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryaramwegereye riramusaba ko yokinira Uburundi.Itariki 8 nyakanga mu 2018,Berahino yarakinye urukino rwiwe rwa mbere yambaye umwambaro w’Intamba mu Rugamba aranatsinda n’igitsindo aho Uburundi bwari bwakinye na Gabon urukino rurangira ari 1 ku 1.Berahino akaba yarakinye n’urukino rusubiriza uburundi bwakinye na Sudani y’epfo,yarakinye urutangura n’urusubiriza uburundi bwakinye na Mali,yarakinye kandi n’urukino rw’amateka rw’ugusubiriza aho uburundi bwanganije na Gabon kimwe ku kindi Uburundi buca buronka uburenganzira bwo kuja mu gikombe ca Afrika CAN.Benshi bavuga ko kuba Berahino yaremeye kuza gukinira Uburundi vyafashije kugira Uburundi buje muri CAN.

Berahino na Mac Arthur bishimira intsinzi y'Uburundi

Berahino ari kumwe n'umukuru w'igihugu c'uburundi Pierre Nkurunziza

Berahino na Fiston Abdul Razak urukino rw'uburundi na Gabon rugira rutangure

Berahino yarafashije cane umurwi nserukira gihugu

Hanze y’ikibuga  
                         
Bamwe mu bamuzi bavuga ko kudatera imbere cane mu mupira vyaturutse ku makosa menshi akora hanze y’ikibuga.Ngo n’umuntu akunda kutumvikana n’abamenyereza ,ngo hari igihe afatwa atwaye imodoka aborewe,n’ibindi.Mu 2014 yarafashwe amashusho ariko aranywera mu modoka ikiyayura mutwe citwa hippy crack.Ico gihe yarabihakanye ariko mu nyuma arasaba ikigongwe.Muri gitugutu mu 2014 yarafashwe atwaye imodoka aborewe mbere uwu mwaka aheruka guhabwa igihano c’ukuriha amande y’ama pound 75000 bivuye ku gutwara aborewe  .Yaragirijwe kandi guca inyuma umu fiance wiwe bikaba vyarigeze kuvugwa ko yavyaye abana 3 mu ndwi zitandatu ariko we ayo makuru yarayabeshuje avuga ko afise umwana umwe gusa.Akaba akundana na Stephania Christoforou umuzungukazi akomoka mu gihugu ca Chypre akaba afise akabare gakomeye i Birmingham kitwa NOVO BAR.

Yarahaniwe gutwara aborewe

Akundana na Stephania Christoforou

Vyaravuzwe ko yateye inda abagore 3 mu ndwi 6 








Enregistrer un commentaire

0 Commentaires